Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 10:26 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Sauli na we arītāhira, aja i muhira i Gibeya, acagatiwe n’abantu b’abahizi, abo Imana yakoze mu mitima.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 10:26
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

ni muduhe abantu ndwi mu bahungu biwe, tubamanike imbere y’Uhoraho i Gibeya, ahāri kwa Sauli uwo Uhoraho yatoranije. Umwami arabishura, ati Nzobabaha.


Nuko, abakuru b’amazu ya ba sekuruza b’Abayuda n’ab’ Ababenyamini, bo n’abaherezi n’ Abalewi n’abandi bose Imana yateye umwete, bava hasi kugira ngo baje gusubira kwubaka ingoro y’Uhoraho i Yerusalemu.


Abantu bawe bitanga babikunze ku musi ugomora ingabo zawe; Abasore bawe baza ah’ uri nk’ikime, Bashazishije ukwera, bavuye mu nda y’agatondotondo.


baserutse hejuru ku kavōvo, barāye i Geba: ab’ i Rama bafashwe n’agatengo, ab’ i Gibeya ho kwa Sauli barahunze!


Abanyamahanga bavyumvise baranezerwa, bashimagiza ijambo ry’Imana; abāri baragerewe ubugingo budashira bose barizera.


imukiza mu marushwa yiwe yose, imuha ubutoni n’ubgenge kuri Farawo, umwami wo muri Egiputa, amugira icēgēra ciwe ngw aganze muri Egiputa, amuzēza n’urugo rwiwe rwose.


na Sela na Elefu na Yebusi (ari ho Yerusalemu) na Gibeyati na Kiriyati: ivyo bisagara vyose na vyose vyar’ icumi na bine, bifise imihana ibikūkira. Iyo ni yo shamvu y’Ababenyamini, nk’ukw amazu yabo ari.


Maz’ Ababenyamini bava mu bisagara vyabo bakoranira i Gibeya, kugira ngo barwane n’Abisirayeli.


Nukw intabaza zishitse i Gibeya ho kwa Sauli, zibarira abantu uko bibaye; abantu bose baraturikisha, bararira.


Sauli yitoraniriza abantu mu Bisirayeli ibihumbi bitatu; muri bo, ibihumbi bibiri bāba kuri we i Mikimashi no ku musozi w’i Beteli; abandi igihumbi bāba kuri Yonatani i Gibeya h’i Bubenyamini; abasigaye arabacūra, umuntu wese yītāhira i we.


Maze Samweli aja i Rama, Sauli na we aradūga, ataha i muhira i we i Gibeya.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ