25 Maze Samweli amenyesha abantu imiganzirize y’ubgami ukw izobamerera, avyandika mu gitabo, akibīka imbere y’Uhoraho. Samweli araheza asēzera abantu bose, barataha.
Maze Yehoyada ashinga isezerano hagati y’Uhoraho n’umwami n’abantu, ngo babe abantu b’ Uhoraho; ashinga isezerano no hagati y’umwami n’abantu.
ati Ni mujane iki gitabo c’ivyagezwe, mugishire i ruhande y’isandugu y’isezerano ry’Uhoraho Imana yanyu, kigumeho kugira ngo kibe icabona co kubāgiriza.
kandi cane‐cane abami n’abashizwe hejuru bose, kugira ngo twame mu mahoro dutekereje, twubaha Imana tur’ inyankamugayo rwose.
Ubibutse kugamburukira abakuru n’abafise ubushobozi, no kubumvira, no kwitegurira igikorwa ciza cose,
Nuko Yosuwa arabahezagira, arabasezera, barītāhira.
Maze Samweli abarira abantu, ati Ni muze tuje i Gilugali, dusubire dukomeze ivy’ ubgami.
None rero n’upfe kubemerera, arik’ ubihanikirize cane, ubamenyeshe ingeso z’umwami azobaganza uko zizobamerera.