24 Maze Samweli abarira abantu bose, ati Mbega murabona uw’ Uhoraho yatoranije, kw ata wuhwanye na we mu bantu bose? Abantu bose bashira akamo hejuru, bat’ Umwami n’ahangame.
Maze Hushayi Umwaruki, umukunzi wa Dawidi, ashikiriye Abusalomu, aramubarira, at’ Uragahora ku ngoma, uragahora ku ngoma!
ni muduhe abantu ndwi mu bahungu biwe, tubamanike imbere y’Uhoraho i Gibeya, ahāri kwa Sauli uwo Uhoraho yatoranije. Umwami arabishura, ati Nzobabaha.
Arik’ utagize ico ukora ga mwami wanje nyen’ ingoma, ni wahamvya ba sogokuruza, twe n’umwana wanje Salomo bazotwita abagarariji.
Uyu musi ko yamanutse, akabāga inka n’amashūri y’ibitegetera n’intama vy’isinzi, agatumira abana bawe bose mugenzi, n’abagabisha b’ ingabo, na Abiyatari umuherezi; none bakaba bariko bararya, banywa, bar’ imbere yiwe, bavuga ng’ Umwami Adoniya n’ahangame!
maze Sadoki umuherezi n’ ūvugishwa n’Imana Natani baheze bamwimikishirizey’ amavuta, abe umwami w’Abisirayeli; maze muce muvuza inzamba, mut’ Umwami Salomo n’ahangame!
Umuherezi Sadoki araheza akūra ihembe ry’amavuta mw Ihema, ayimikisha Salomo; maze bavuza inzamba; abantu bose baravuga, bat’ Umwami Salomo n’ahangame!
Maze Yehoyada asohokana uwo mwana w’umwami, amwambika igitsibo c’ubgami amuha n’Ibishinga intahe. Nuko bamwimikisha amavuta, bamugira umwami; maze bakoma amashi, baravuga, bat’ Umwami n’ahangame!
Maze basohokana uwo mwana w’umwami, bamwambika igitsibo c’ubgami, bamuha n’Ibishinga intahe, bamugira umwami. Yehoyada n’abahungu biwe bamwimikisha amavuta, baravuga, bat’ Umwami n’ ahangame!
Kand’ ishengero rimugiye imbere n’irimukurikiye rirasemerera, riti Hoziyana, mwana wa Dawidi, hashemezwe ūje mw izina ry’Uhoraho, hoziyana mw ijuru.
umwami muzoshiraho ntaz’ abure kuba uwo Uhoraho Imana yanyu azotoranya; uwo mwami muzoshiraho wo kubaganza az’ abe uwo mu b’i wanyu; ntimuze mushireh’ umunyamahanga ngw abe ari we abaganza, atar’ uwo mu b’i wanyu.
Nukw abantu bose baja i Gilugali, bimikira Sauli imbere y’Uhoraho aho nyene i Gilugali, bahatangira ibimazi vy’ishimwe imbere y’Uhoraho: nuko Sauli n’Abisirayeli bose bahagirira akanyamuneza kenshi.
Maze Samweli abarira Abisirayeli bose, at’ Ehe rāba, nabakoreye ivyo mwansavye vyose, mbimikiye umwami wo kubaganza.
None rero, nguyo umwami mwitoranirije kandi mwasavye; Uhoraho abahaye umwami wo kubaganza.
Kandi yar’ afise umuhungu mwiza w’umusore yitwa Sauli. Nta n’umwe mu Bisirayeli yamurusha ubgiza, kandi yasumba abantu bose, bamugera ku bitugu gusa.