23 Bagenda biruka, baramuzana; ahagaze mu bantu, abasumba bose uko bangana: bamugera ku bitugu gusa.
Nuko yirukana uwo muntu; kandi mu ruhande ruhera i burasirazuba rw’iryo tongo ryo muri Edeni, ahashira Abakerubi, bo n’inkota yaka umuriro, itangatanze impande zose, ngw itangīre inzira ija kuri ca giti c’ubugingo.
Arik’ Uhoraho abarira Samweli, ati Nta co urāba ishusho yiwe, cank’ ikirēho ciwe, kuko ntāmushimye; erega jewe sindāba nk’ukw abantu barāba: kukw abantu barāba ku rukoba gusa, ariko jewe Uhoraho ndāba mu mutima.
Bukeye mu nsago z’Abafilisitiya havamw’ umuhizi yitwa Goliyati w’i Gati; uburebure bgiwe bgar’ amatambge atandatu y’ukuboko uciriye mu nkokora n’itambge rimwe ry’intoke.
Hār’ umuntu w’Umubenyamini yitwa Kishi; yari mwene Abiyeli, Abiyeli wa Serori, Serori wa Bekorati, Bekorati wa Afiya w’ Umubenyamini; yar’ umuntu w’umutunzi.
Kandi yar’ afise umuhungu mwiza w’umusore yitwa Sauli. Nta n’umwe mu Bisirayeli yamurusha ubgiza, kandi yasumba abantu bose, bamugera ku bitugu gusa.