Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 10:22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Nuko bongera gusiguza Uhoraho, bati Mbeg’ uwo muntu yoba ataraza? Uhoraho arabishura, at’ Ereg’ arinyegeje mu bintu vy’intēkera.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 10:22
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abana basitanira mu nda yiwe: maz’ aribaza, ati Ko bimeze birtya, igituma nkiriho n’iki? Aragenda aja kubisiguza Uhoraho.


Hanyuma y’ivyo, Dawidi asiguza Uhoraho, ati Mbega ndūge, nimukire mu gisagara kimwe mu vy’i Buyuda? Uhoraho aramwishura, at’ Ego me dūga. Dawidi ati Nje hehe? Aramwishura, ati Ja i Heburoni.


Ku ngoma ya Dawidi hatera inzara, imara imyaka itatu ikurikiranye; maze Dawidi aja kubisiguza Uhoraho. Uhoraho arishura, ati Vyātewe n’ubgicanyi bga Sauli n’inzu yiwe, kuko yishe ab’i Gibeyoni.


Kand’ az’ ahore ahagarara imbere ya Eleyazari umuherezi, amutume kuza imbere yanje kumbaza, apfindishije Urimu; ijambo rya Eleyazari rize ribe ari ryo ribaturutsa, ribacūre, Yosuwa n’Abisirayeli bose, mbere n’ishengero ryose.


Kuk’ umuntu wese yishira hejuru azocishwa bugufi, kand’ uwicisha bugufi azoshirwa hejuru.


Yosuwa amaze gupfa, Abisirayeli babaza Uhoraho, bati Muri twebge ni nde azobanza kuja gutera Abanyakanani ngw abarwanye?


Maz’ Abisirayeli barahaguruka baja i Beteli, ngo basiguze Imana; barayibaza, bati Muri twebge ni ba nde bazotangura kuja gutera Ababenyamini? Uhoraho arabishura, at’ Abayuda ni bo bazotangura kugenda.


Maz’ Abisirayeli baradūga, baja kuririra imbere y’Uhoraho gushitsa ku mugorōba; babaza Uhoraho, bati Mbega dusubire kuja kurwana n’ab’ i wacu b’Ababenyamini? Uhoraho arabishura, at’ Ego me dūga mubatere.


na Finehasi mwene Eleyazari umwuzukuru wa Aroni ni we yahagarara imbere yayo); babaza Uhoraho, bati Mbega dusubire kuja kurwana n’ab’i wacu b’Ababenyamini, canke dusigeho? Uhoraho arabishura, ati Dūga, kukw ejo nzobagabura mu maboko yanyu.


Ahamagaza umuryango w’Ababenyamini, inzu imwe‐imwe ukwayo, inzu ya ba Matiri irafatwa; araheza ahamagaza ab’ inzu ya ba Matiri, umuntu umwe‐umwe; hafatwa Sauli mwene Kishi; ariko bamurondeye baramubura.


Nuko Sauli asiguza Imana, ati Mbega mmanuke nkurikire Abafilisitiya? Urabagabura mu maboko y’Abisirayeli? Arik’ uwo musi ntiyamwishura.


Samweli aramubgira, ati Naho wari warīkēngereye, mbega ntiwagizwe uwo kuganza imiryango y’ Abisirayeli? Uhoraho ntiyakwimikishije amavuta ng’ube umwami w’Abisirayeli?


na we amusiguriza Uhoraho, kand’ amuha impamba, amuha na ya nkota yar’ iya Goliyati Umufilisitiya.


Dawidi amenye ko Sauli yamugīriye inama mbi, abarira Abiyatari umuherezi, ati Zana hano efodi.


Maze Dawidi abarira Abiyatari umuherezi mwene Ahimeleki, ati N’unzanire efodi hano. Nuko Abiyatari azanira Dawidi efodi.


Dawidi araheza asiguza Uhoraho, ati Mbega ni nakurikira ico gitero nzogihamvya? Aramwishura, ati N’ubakurikire, kuk’ utazobura kubahamvya, ukabāka vyose.


Maze Sauli aramwishura, ati Mbega sind’ Umubenyamini, ari wo muryango mutoya hanyuma y’iyindi yo mu Bisirayeli? Kand’ inzu yacu si yo ntoya hanyuma y’ayandi mazu yose yo mu Babenyamini? None n’iki gitumye umbarira ben’ ivyo?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ