Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 10:21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Ahamagaza umuryango w’Ababenyamini, inzu imwe‐imwe ukwayo, inzu ya ba Matiri irafatwa; araheza ahamagaza ab’ inzu ya ba Matiri, umuntu umwe‐umwe; hafatwa Sauli mwene Kishi; ariko bamurondeye baramubura.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 10:21
7 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abuneri abibarira n’ Ababenyamini na bo. Bukeye aja i Heburoni, kugira ngo yīgānire Dawidi ivyo Abisirayeli n’ab’ umuryango w’Ababenyamini bose bamaramaje gukora vyose.


Ubupfindo bumara ibihāri, Kandi butātūra abakomeye.


Bose baravugana, bati Ni muze dupfinde, tumenye ūtumye duterwa ibi vyago uw’ari we. Nuko barapfinda, ubupfindo bgerekana Yona.


Hanyuma bayisaba umwami, Imana ibaha Sauli mwene Kishi, umugabo wo mu muryango wa Benyamini, amara ku ngoma imyaka mirongwine.


Nuko Samweli ahamagaza imiryango yose y’Abisirayeli, ubupfindo bufata umuryango w’Ababenyamini.


Nuko bongera gusiguza Uhoraho, bati Mbeg’ uwo muntu yoba ataraza? Uhoraho arabishura, at’ Ereg’ arinyegeje mu bintu vy’intēkera.


Kandi yar’ afise umuhungu mwiza w’umusore yitwa Sauli. Nta n’umwe mu Bisirayeli yamurusha ubgiza, kandi yasumba abantu bose, bamugera ku bitugu gusa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ