17 Bukeye Samweli akoraniriza abantu i Misipa imbere y’Uhoraho,
Naguhaye umwami mfise umwikomo, maze ndamukunyaga ndatse.
Nuko Yefuta ajana n’abo bakuru b’i Gileyadi, abantu bamugira umugabisha wabo n’umukuru wo kubaganza; Yefuta asubira muri ya majambo yiwe yose imbere y’Uhoraho i Misipa.
Maz’ Abisirayeli bose baragenda, bava mu gihugu cose uhereye i Dani ugashitsa i Beri‐sheba, hamwe n’abo mu gihugu c’i Gileyadi, bakoranira i Misipa imbere y’Uhoraho, bahūje inama nk’umuntu umwe.
Nukw abantu bose baja i Gilugali, bimikira Sauli imbere y’Uhoraho aho nyene i Gilugali, bahatangira ibimazi vy’ishimwe imbere y’Uhoraho: nuko Sauli n’Abisirayeli bose bahagirira akanyamuneza kenshi.
Kand’ uk’ umwaka utashe yama agīshanya imbu kuja i Beteli n’i Gilugali n’i Misipa, acīra Abisirayeli imanza mur’ iyo myanya yose;