13 Maz’ arangije kuvugishwa aja ha hantu hēra ku mpinga y’umusozi.
Umwe wo mu baba aho hantu arabaza, ati Mbeg’ abo ni bene nde? Ni co catumye bihinduka akagani, ngo Mbega Sauli na we yari mu bavugishwa n’Imana?
Se wabo wa Sauli abaza Sauli na wa muntu wiwe, ati Mbega mwagiye hehe? Aramwishura, ati Twagiye kurondera za ndogoba; maze tubonye tuzibuze tuja kwa Samweli.