Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 10:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Maz’ abāri basanzwe bamuzi bose, babonye arikw aravugishwa hamwe n’abandi, barabazanya, bati Mbega mwene Kishi yabaye iki? None Sauli na we yari mu bavugishwa n’Imana?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 10:11
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Amosi yishura Amaziya, ati Sinigeze kuba ūvugishwa n’Imana, canke ngo mbe umwigishwa w’uwo yavugisha, ariko nari nibereye umwungere, nkaba n’umurimyi w’ibiti vy’imisukomora.


Maz’ Uhoraho yankūye mu mukuku ndagiye, arambarira, ati Genda ubarire abantu banje b’Abisirayeli.


Abayuda baratangara, bati Mbeg’ uyu yakūye ubgenge hehe, atigishijwe?


bamenya kw ari we yahora yicara kw irembo ry’urusengero ryitwa Ryiza asēgerereza; barumirwa cane, batangazwa n’ibimubayeko.


Babonye ugushira amanga kwa Petero na Yohana, kandi babona ko batigishijwe, atar’ abanyabgenge, baratangara; maze bamenya ko bābana na Yesu;


Abamwumvise bose barūmirwa, bati Mbeg’ uyu si we yatikije abambaza iryo zina i Yerusalemu? Kandi ni co cari kimuzanye n’ino, kugira ngw abashīre abaherezi bakuru bari mu ngoyi.


Ashitseyo yīkiza impuzu ziwe, avugishirizwa imbere ya Samweli arambaraye hasi yambaye ubusa, yiriza umusi akēsha ijoro. Ni co catumye bavuga, bati Mbega Sauli na we yari mu bavugishwa n’Imana?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ