Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 10:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Maze Samweli yābīra agakuza k’amavuta ya elayo, ayamusuka ku mutwe, aramugūmbīra, aravuga, ati Mbeg’ Uhoraho si we akwimitse ng’ ube ari wewe ugaba ishamvu yiwe?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 10:1
38 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Dawidi aramubaza, ati N’iki caguteye kwubahuka, ntutinye kubangura ukuboko, ukica uwo Uhoraho yimikishije amavuta?


Nukw abantu bose bajabuka Yorodani; n’umwami na we arajabuka. Maz’ umwami agumbira Baruzilayi, aramuhezagira; aca yisubirira i we.


Jewe nd’umwe mu bakunda ivy’ amahoro kandi b’abizigirwa mu Bisirayeli; ariko wewe urondera kugeseza igisagara, ari co muvyeyi mu Bisirayeli. N’iki gituma ugomba kuyongobeza ishamvu y’Uhoraho?


Kandi mu bihe vya kera, hamwe Sauli yar’ umwami wacu, ni wewe wajana Abisirayeli gutabara, mugatabarukana. Kand’ Uhoraho yarakubgiye kw ari wewe uzoragira abantu biwe b’ Abisirayeli, kandi k’uzoba segaba wabo.


maze Sadoki umuherezi n’ ūvugishwa n’Imana Natani baheze bamwimikishirizey’ amavuta, abe umwami w’Abisirayeli; maze muce muvuza inzamba, mut’ Umwami Salomo n’ahangame!


Yamara rero, ngiye kwisigariza abantu ibihumbi ndwi mu Bisirayeli, batigeze bapfukamira Bayali canke ngo bamusome.


riti Subira inyuma, ubarire Hezekiya segaba w’abantu banje, ut’ Uku ni k’Uhoraho, Imana ya sogokuruza Dawidi, agize: uti Ngo Yumvise ugusenga kwawe, abonye n’amosozi yawe; ut’ Eh’ azogukiza; uti Maze ku musi ugira gatatu uzodūga uje mu ngoro yiwe.


Bukeye Elisa ūvugishwa n’ Imana ahamagara umwe mu biga ivy’ ukuvugishwa, aramubarira, at’ Ikazanure, wābīre iri cupa ry’amavuta ya elayo, uje i Ramoti‐gileyadi.


Baramwishura, bat’ Eka s’ivy’ ukuri nta co tuzi: tubarire nyabuna ivy’ ari vyo. Arabishura, at’ Ivyo ambariye n’ ibi: ng’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngw Anyimikishije amavuta ngo mbe umwami w’Abisirayeli.


Kuk’ Uhoraho yitoranirije Yakobo, Isirayeli yamutoranirije kuba uwiwe bgite.


Mugumbire urya Mwana, kugira ngo ntarake, namwe mugahonera mu nzira, Kuk’ uburake bgiwe bgoca buziriringa: Hahirwa abamuhungirako bose.


Imukūra mu gushorera intama zonsa, Kugira ngw aragire aba Yakobo abantu bayo, Abisirayeli ishamvu yayo.


at’ Uze wābīre imibavu iruta iyindi, ni yo iyi: isenga ishongerana igezwe kuri shekeli amajana atanu, bo n’ikigabane c’urwo rugero, ari zo shekeli amajana abiri na mirongwitanu, ca mudarasini imota neza; wābīre na kanehe imota neza igezwe kuri shekeli amajana abiri na mirongwitanu nyene,


Arik’ Umugabane w’ aba Yakobo we si kw ameze, kukw ari we Muremyi wa vyose; kand’ Abisirayeli ni bo muryango yagize ishamvu yiwe: Uhoraho Nyen’ ingabo ni ryo zina ryiwe.


Uko ni ko wasakawe izahabu n’ifeza; kand’ imyambaro yawe yar’ impuzu zera derere n’amahariri, n’ izijererenze amabara; wama urya ivy’ ifu isētse neza, n’ubūki, n’ amavuta; kandi wari n’akaranga bihebuje, uraroranirwa ushitsa no ku kwamikara.


Noneho bagenda barushiriza gukora ivyaha, kandi bikoreye ibishushanyo mu mafeza yabo babivugutiye mu nkero, ni vyo bigirwamana bīgeneye mu bgenge bgabo, vyose ar’ ibikorwa vy’abahanga; bavuga ivyavyo, bati Ni babicumitire ibimazi! Abagabo bagasoma ayo mamasa y’ibigirwamana.


Hanyuma bayisaba umwami, Imana ibaha Sauli mwene Kishi, umugabo wo mu muryango wa Benyamini, amara ku ngoma imyaka mirongwine.


Kukw abantu b’Uhoraho ari bo mugabane wiwe, Aba Yakobo ni bo shamvu y’ aho yigereje ibango.


Kukw iyo, (ni yo yaremewe vyose kandi ni yo ibeshejeho vyose), mu kurōngōra abana benshi ngw ibazane mu bgiza, vyari biyikwiye gutunganisha rwose indōngōzi y’agakiza kabo kubabazwa.


Amaze kwābīra ico gitabo, vya binyabugingo bine na ba bakuru mirongwibiri na bane baca bikubita imbere y’uwo Mwagazi, bafise inanga bose, n’inzavya z’izahabu zuzuye imibavu, ni yo gusenga kw’abera.


Ehe ndi hano: ni munyagirize imbere y’Uhoraho n’imbere y’uwo yimikishije amavuta. Mbega har’ uwo nanyaze inka? Canke har’ uwo nanyaze indogoba? Har’ uwo nagunze? Har’ uwo natwaje igitugu? Canke har’ uwo nātse impongano ikampuma amaso? Vuga ndabarihe.


Ariko noneh’ ubgami bgawe ntibuzohangama; Uhoraho aramaze kwironderera umuntu ameze nk’uk’ umutima wiwe ugomba; kandi ni we Uhoraho yashinze ngw az’ abe segaba w’abantu biwe, kuk’ utumviye ic’ Uhoraho yakugeze.


Maze Samweli abarira Sauli, ati Ni jewe Uhoraho yatumye kukwimikisha amavuta, ng’ ube umwami w’abantu biwe b’ Abisirayeli. None rero ni wumve amajambo y’Uhoraho.


Samweli aramubgira, ati Naho wari warīkēngereye, mbega ntiwagizwe uwo kuganza imiryango y’ Abisirayeli? Uhoraho ntiyakwimikishije amavuta ng’ube umwami w’Abisirayeli?


Maz’ Uhoraho abaza Samweli, at’ Uzogeza hehe kuririra Sauli, kandi namaze kwanka kw aba umwami w’Abisirayeli? Uzuza ihembe ryawe amavuta, uheze uze ngutume kuri Isayi w’i Betelehemu, kuko nironkeye umwami mu bahungu biwe.


Nuko Samweli aca yābīra rya hembe ry’amavuta, ayamusukako bakuru be bamukikije. Kuva uwo musi Mpwemu w’Uhoraho yama aza kuri Dawidi akābushūngwe. Nuko Samweli arahaguruka, asubira i Rama.


Abarwanya Uhoraho bazovunagurika, Azoturagara ari mw ijuru, abakankamire. Uhoraho azocira imanza abo ku mpera z’isi; Kand’ azoha inkomezi umwami wiwe, Ashire hejuru ihembe ry’uwo yimikishije amavuta.


Maz’ abarira ingabo ziwe, at’ Uhoraho arakabishira kure yanje, sinkagire ikintu nk’ico ngirira umwami wanje, kand’ ari we Uhoraho yimikishije amavuta! Sinkamukozek’ ukuboko, kuko yimikishijwe amavuta n’Uhoraho.


Uhoraho arakabishira kure yanje, ko nobangurira ukuboko uwo Uhoraho yimikishije amavuta; ariko ni wābīre iryo cumu riri ku mutwe wiwe, n’uwo mukuza w’amazi, uze tugende.


Ariko Dawidi yishura Abishayi, ati Ntumwice: har’ uwoshobora kubangurira ukuboko uwo Uhoraho yimikishije amavuta, ntābizire?


Arikw abantu banka kwumva ivyo Samweli ababariye, baravuga, bati Nta co biriko, turagomba umwami wo kutuganza,


None rero n’upfe kubemerera, arik’ ubihanikirize cane, ubamenyeshe ingeso z’umwami azobaganza uko zizobamerera.


at’ Ejo nka magingo aya nzokurungikira umuntu avuye mu gihugu c’Ababenyamini; uz’ umwimikishe amavuta, abe umwami w’abantu banje Abisirayeli. Ni we azokiza abantu banje, abakūre mu maboko y’Abafilisitiya; kuko nitegereje abantu banje, kand’ ugutaka kwabo kwanshitseko.


Bakimanuka, bashitse ah’ igisagara kigarukira, Samweli abarira Sauli, ati Barira uwo muntu wawe atambuke imbere; nawe uhagarare gatoya, nkumenyeshe ijambo ry’ Imana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ