1 Maze Samweli yābīra agakuza k’amavuta ya elayo, ayamusuka ku mutwe, aramugūmbīra, aravuga, ati Mbeg’ Uhoraho si we akwimitse ng’ ube ari wewe ugaba ishamvu yiwe?
at’ Uze wābīre imibavu iruta iyindi, ni yo iyi: isenga ishongerana igezwe kuri shekeli amajana atanu, bo n’ikigabane c’urwo rugero, ari zo shekeli amajana abiri na mirongwitanu, ca mudarasini imota neza; wābīre na kanehe imota neza igezwe kuri shekeli amajana abiri na mirongwitanu nyene,
Arik’ Umugabane w’ aba Yakobo we si kw ameze, kukw ari we Muremyi wa vyose; kand’ Abisirayeli ni bo muryango yagize ishamvu yiwe: Uhoraho Nyen’ ingabo ni ryo zina ryiwe.
Amaze kwābīra ico gitabo, vya binyabugingo bine na ba bakuru mirongwibiri na bane baca bikubita imbere y’uwo Mwagazi, bafise inanga bose, n’inzavya z’izahabu zuzuye imibavu, ni yo gusenga kw’abera.