Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 1:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Maz’ umugabo wiwe Elukana aramubaza, at’ Urizwa n’iki ga Hana? N’iki kikubuza kurya? Ubabajwe n’iki? Mbega sinkurutira abahungu cumi wovyaye?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 1:8
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Hazayeli aramubaza, at’ Urizwa n’iki ga mugenzi? Aramwishura, ati N’uko mbona ibibi uzogirira Abisirayeli; amaboma yabo uzoyatongoza umuriro, n’abasore babo uzobicisha inkota; utuyoya twabo uzotumenagura, abagore babo bafise inda uzobafomoza.


Ūdendebukiwe bikwiye kw atera akagongwe abakunzi biwe, Naho yoba aretse kwubaha Ūshobora vyose.


Maze nzoja ku gicaniro c’ Imana, Ku Mana, ni yo munezero uzana ibinezaneza vyanje; Ngutazirishe inanga, Mana, wewe Mana yanje.


Ririmba, mugore w’ingumba utigeze kuvyara, turika uririmbe usemerere, wewe utigeze kuramukwa: kukw abana b’intābga ari benshi, baruta abana b’ūfise umugabo, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Kuko jewe Uhoraho nguhamagaye nk’umugore w’intābga afise intuntu mu mutima, ngucūye nk’umugore wo mu bucance yari yarirukanywe, ni jewe Imana yawe mbivuze.


Baramubaza, bati Mbega nyina wanje, urizwa n’iki? Na we ati N’uko bakūyeh’ Umwami wanje, nanje nkaba ntazi aho bamushize.


Yesu aramubaza, ati Mbega nyina wanje, urizwa n’iki? Urondera nde? Na we yiyumvira kw ar’ umurimyi waho, aramubgira, ati Mugenzi, namb’ ari wewe wamukūye hano, ndangira aho wamushize, ndamukūreyo.


Kandi turabahanūra, bene Data, muhubūre abasaragurika, muremeshe abarandutse imitima, muramire abanyantege nke, mwihanganire bose.


Kand’ azosubiza intege mu bugingo bgawe, kand’ azogutunga ugeze mu zabukuru: kuk’ umukazana wawe agukunda, akakurutira abahungu ndwi wovyaye, ari we amuvyaye.


Uko ni ko vyāgenda, uk’ umwaka utashe: uko Hana yadūga aja mu ngoro y’Uhoraho, ni ko mukēba we yamushinyagurira. Ni co cātuma arira, akanka kurya.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ