7 Uko ni ko vyāgenda, uk’ umwaka utashe: uko Hana yadūga aja mu ngoro y’Uhoraho, ni ko mukēba we yamushinyagurira. Ni co cātuma arira, akanka kurya.
Umutima wanje ukubiswe nk’ ubgatsi, urakabiranye: Kuko nibagira kurya igisa canje.
Ijwi ry’umuniho wanje ritumye Amagufa yanje amatana n’ inyama zanje.
haza bamwe bavuye i Shekemu n’i Shilo n’i Samariya, abagabo mirongumunani, bāri bimosheje ubganwa bgabo inkomvorera, bitantamuriyekw impuzu zabo, bikebaguye ku mibiri, bazanye amashikanwa n’imibavu mu minwe, ngo babizane mu ngoro y’ Uhoraho.
Kandi mukēba we yama amushinyagurira, akamutera intuntu, kuk’ Uhoraho yamuzivye inda.
Maz’ umugabo wiwe Elukana aramubaza, at’ Urizwa n’iki ga Hana? N’iki kikubuza kurya? Ubabajwe n’iki? Mbega sinkurutira abahungu cumi wovyaye?
Maze Hana arasenga, at’ Umutima wanje uvugiriza Uhoraho impundu, Ihembe ryanje rivyuwe n’ Uhoraho; Akanwa kanje kāsamiye abansi banje, Kuko nnejerejwe n’agakiza kiwe.
Kandi nyina yama amubarīrira agahuzu, akakamushīra uk’ umwaka utashe, uko yajana n’umugabo wiwe gutanga ikimazi c’umwaka;