6 Kandi mukēba we yama amushinyagurira, akamutera intuntu, kuk’ Uhoraho yamuzivye inda.
Rakeli abonye atavyaranye na Yakobo akana, agirira ishari mukuru we; abarira Yakobo, ati Mpa abana; utabampaye, mpfuma mpfa.
Maze Mikali umukobga wa Sauli ntiyabona akana arinda apfa.
Arya umugore w’ingumba atigeze akana, Kandi nta ho agirira neza umupfakazi.
Ūdendebukiwe bikwiye kw atera akagongwe abakunzi biwe, Naho yoba aretse kwubaha Ūshobora vyose.
Ntihaze hagire ūharika umugore uwo bavukana, ngw abe umukēba wiwe, ngw amwambike ubusa uwo bavukana akiriho.
Kand’ abarira se, ati Mugabo har’ ico ngusaba: ube urandetse amezi abiri, ngende ku misozi, twe na bagenzi banje, ndirire ubukumi bganje.
Uko ni ko vyāgenda, uk’ umwaka utashe: uko Hana yadūga aja mu ngoro y’Uhoraho, ni ko mukēba we yamushinyagurira. Ni co cātuma arira, akanka kurya.
Maze Hana arasenga, at’ Umutima wanje uvugiriza Uhoraho impundu, Ihembe ryanje rivyuwe n’ Uhoraho; Akanwa kanje kāsamiye abansi banje, Kuko nnejerejwe n’agakiza kiwe.