5 ariko Hana yamuha umutigiri ungana n’iyabo kabiri, kuko yamukunda; arik’ Uhoraho yari yaramuzivye inda.
Sarayi yar’ intavyara, ntiyagira umwana.
Sarayi muka Aburamu ntiyari yaravyaye, kandi yar’ afise incoreke y’Umunyegiputakazi yitwa Hagari.
Kuk’ Uhoraho yari yazivye inda z’abo mu rugo rwa Abimeleki bose, abahōye Sara umugore wa Aburahamu.
Rakeli abonye atavyaranye na Yakobo akana, agirira ishari mukuru we; abarira Yakobo, ati Mpa abana; utabampaye, mpfuma mpfa.
Maz’ uburake bga Yakobo buziriringira Rakeli, ati Mbega jewe ndi mu gishingo c’ Imana, kw ari yo yakwimye ivyara?
Yosefu avuga ko babakamatira no ku bindi biryoshe bir’ imbere yiwe; ariko kw ivya Benyamini bisumba ivyabo gatanu. Nuko baranywa, barahimba, banezeranwa na we.
Kand’ uko bangana, aha umuntu wese imyambaro yo gukūranya; arikw aha Benyamini intete z’ifeza amajana atatu, amuha n’imyambaro yo gukūranya itanu.
Umugabo ni yagira abagore babiri, umwe akaba inkundwakazi, uwundi akaba intabga, kandi bompi yabavyayeko, umuhungu w’imfura akaba uw’ intabga;