Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 1:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Uwo muntu yama ava mu gisagara c’i wabo uk’ umwaka utashe, akadūga i Shilo gusenga no gushikanira Uhoraho Nyen’ ingabo ibimazi. Kandi bene Eli bompi, Hofuni na Finehasi, bār’ abaherezi b’Uhoraho aho hantu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 1:3
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bituma iheba umugerēro w’i Shilo, Ni wo hema yashinze hagati y’abantu.


Muze mungirire imisi mikuru gatatu‐gatatu mu mwaka:


Nuko haze harenguke izinamuhungu wese imbere yanje, jewe Umwami Uhoraho, gatatu‐gatatu mu mwaka.


Haze harenguke uwitwa umuhungu wese imbere yanje, jewe Umwami Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, gatatu‐gatatu mu mwaka.


Kand’ uk’ umwaka utashe, abavyeyi biwe bāja i Yerusalemu mu misi mikuru ya Pasika.


Haze harenguke izinamuhungu wese imbere y’Uhoraho Imana yanyu gatatu‐gatatu mu mwaka, barenguke ha hantu azoba yātoranije. Baze mu misi mikuru y’imitsima itambiwe, no ku musi ukurikira ya masabato ndwi, no mu misi mikuru y’insāgo; ariko ntibaze barenguke imbere y’ Uhoraho iminwe misa.


Maz’ ikoraniro ryose ry’Abisirayeli bakoranira i Shilo, bahashinga ihema ry’ibonaniro; kand’ igihugu cari kimaze gukōndōka.


Nukw ico gishushanyo kibājwe bāshinze, ico Mika yari yarironkeye, kiguma ngaho kumara igihe cose inzu y’ Imana yamaze i Shilo.


Maze baravuga, bat’ Erega hariho wa musi mukuru w’Uhoraho bagira uk’ umwaka utashe i Shilo, hamwe i burārūko bg’ i Beteli, ku ruhande ruhera i burasirazuba rw’inzira iva i Beteli ija i Shekemu, i bumanuko bg’i Lebona.


Maz’ uwo mugabo Elukana akora abo mu rugo rwiwe bose aradūga, aja gushikanira Uhoraho ikimazi c’uwo mwaka no gushitsa amasezerano yiwe.


Maze barangije kurya no kunywa aho bāri bari i Shilo, Hana ava hasi. Kandi Eli umuherezi yari yicaye ku ntebe yiwe ku gishimaryango mu rusengero rw’Uhoraho.


harimwo na Ahiya mwene Ahitubu, Ahitubu mukuru wa Ikabodi mwene Finehasi, Finehasi yari mwene Eli, umuherezi w’Uhoraho i Shilo; kandi Ahiya yambara efodi. Arikw abantu ntibamenya ko Yonatani yagiye.


Kandi nyina yama amubarīrira agahuzu, akakamushīra uk’ umwaka utashe, uko yajana n’umugabo wiwe gutanga ikimazi c’umwaka;


Ngo Kand’ ikizoba ku bahungu bawe bompi, Hofuni na Finehasi, kizokubera ikimenyamenya c’ivyo: bompi bazopfira umusi umwe.


Kuko mmaze kumubgira yuko ngiye guha inzu yiwe igihano kitazobavako, mbahōye ukugabitanya yirengagije, kukw abahungu biwe bihamagariye umuvumo, na we ntabateshe.


Kand’ isandugu y’ Imana ifatwa mpiri; na bene Eli bompi, Hofuni na Finehasi baricwa.


Nukw abantu batuma i Shilo, bakūray’ isandugu y’isezerano ry’Uhoraho Nyen’ ingabo yama avyagiye ku bakerubi, barayizana. Kandi bene Eli bompi, Hofuni na Finehasi, bazanana n’iyo sandugu y’isezerano ry’Imana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ