28 Ni co gitumye ndamugize inkūka y’Uhoraho; azorinda apfa ar’ inkūka y’Uhoraho. Nuko basengera Uhoraho aho hantu.
Uwo mugabo yunamika amaso, ahimbaza Uhoraho,
Nca nunamika amaso, mpimbaza Uhoraho, nshemagiza Uhoraho Imana ya databuja Aburahamu, yandōngōye inzira ikwiye, ngo nsabire umwana wiwe umugeni ku muhungwabo wa databuja.
Nuk’ uwo muntu wa Aburahamu yumvise ayo majambo, akubita inkoro hasi imbere y’Uhoraho.
Nguhanūre ngw iki ga mwana wanje? Nguhanūre ngw iki ga mwana w’ubura bganje? Nguhanūre ngw iki ga mwana w’amasezerano yanje?
Imisi yose y’ubunaziri bgiwe az’ abe uwera kuri jewe Uhoraho.
kand’ uzi yuk’ uhereye mu buto bgawe wamye uzi ivyanditswe vyera bishobora kukumenyesha ubgenge bgo kukuzanira agakiza gaheshwa no kwizera Kristo Yesu.
Nuko Gideyoni yumvise izo nzozi n’uko zisobanuwe, ashima Imana, asubira mu nsago z’Abisirayeli, arababarira, ati Ni mukūre hasi, kuk’ Uhoraho agabuye ingabo z’Abamidiyani mu maboko yanyu.
asezerana isezerano, at’ Ewe Uhoraho Nyen’ ingabo, ni warāba umubabaro wanje incoreke yawe, ukanyibuka, ntunyibagire jewe incoreke yawe, ukantabaza umwana w’umuhungu, nanje nzomuguha, Uhoraho, abe uwawe kuzorinda apfa, kandi nta rupfuhe ruzomugera ku mutwe.
Ariko Hana ntiyadūgayo, abarira umugabo wiwe, at’ Umwana ni yamara gucūka ni ho nzodūga, ndamujane, ashikirizwe Uhoraho, agumey’ igihe cose.
Maze Elukana asubira i we i Rama. Arik’ uwo mwana akorera Uhoraho imbere ya Eli umuherezi.
Eli na we agahezagira Elukana n’umugore wiwe, at’ Uragahabga uruvyaro n’Uhoraho kur’ uyu mugore, abasubirize mu bukandu bg’ uwo yahaye Uhoraho kw’ inkūka; bagaheza bagasubira i wabo.
Dawidi aramwishura, ati Ni ko; kandi ni ho uzomenyera ico ndimwo, jewe umusavyi wawe. Akishi aramwishura, ati Nuko nanje nzokugira uwo kuzigama agatwe kanje na ntaryo.