26 Maze Hana aravuga, ati Mwami wanje, indahiro ni wewe nyene, erega ni jewe wa mugore nari mpagaze i ruhande yawe, mwami wanje, nsaba Uhoraho.
Iki ni co kizobeza: ndabarahiye Farawo mukazova ino umuhererezi wanyu adashitse aha!
Uriya yishura Dawidi, at’ Isandugu y’Imana n’Abisirayeli n’Abayuda ko barāra mu nsago, kandi databuja Yowabu n’ abantu bawe, mugenzi, bakaba bashagaje mu gahinga; none jewe ngende i wanje, nīrīre, nīnywere, ndārane n’umugore wanje? Ndakurahiye, eka ni wewe ndahiro nyene, sinorikora!
Umwami aramubaza, at’ Ubg’ ivyo vyose ntiwabibgirijwe na Yowabu? Uwo mugore aramwishura, ati Mwami wanje nyen’ ingoma, indahiro ni wewe nyene hakagira uwoshobora gucisha i ruhande ico umubajije cose; ni koko umusavyi wawe Yowabu ni we yangeze, jewe incoreke yawe, antegekera ayo majambo yose;
Maze Eliya abarira Elisa, at’ Enda sigara hano, kuk’ Uhoraho antumye i Beteli. Elisa aramwishura, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, nawe nyene ndakurahiye, sintandukana nawe. Nuko baramanuka baja i Beteli.
Maze Eliya yongera kumubarira, at’ Enda rero Elisa, sigara hano, kuk’ Uhoraho antumye i Yeriko. Aramwishura, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, nawe nyene ndakurahiye, sintandukana nawe. Nuko baja i Yeriko.
Eliya yongera kumubarira, at’ Enda sigara hano, kuk’ Uhoraho antumye kuri Yorodani. Na we aramwishura, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, nawe nyene ndakurahiye, sintandukana nawe. Nuko bompi barajana.
Nyina w’uwo mwana aramubarira, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, nawe nyene ndakurahiye, singusiga. Nuko Elisa ava hasi, aramukurikira.
Yabesi atakambira Imana y’Abisirayeli, at’ Icompa ukampa umugisha, ukūngura urubibe rwanje, ukuboko kwawe kukagenda kundamira, ukandinda ivyago, singorwe! Nukw Imana imuha ivyo yasavye.
Igihe Sauli yabona Dawidi agiye kurwana na wa Mufilisitiya, yabajije Abuneri umugabisha w’ ingabo ziwe, ati Harya ga Abuneri, urya muhungu ni mwene nde? Na we aramwishura, ati Mugenzi, indahiro ni wewe nyene nkamumenya!
Dawidi aramwishura, at’ Erega so azi neza ko ngutonnyeko; ni co catumye yiyumvira, ati Yonatani ntābimenye ngo bimubabaze. Ariko vy’ukuri, ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, nawe nyene ndakurahiye, har’ agatambuko kamwe gusa hagati yanje n’urupfu.
None rero mugenzi, nk’uk’ Uhoraho yamaho, nawe ukaba uriho, Uhoraho ni we agutesheje ngo ntuvishe amaraso, ntiwīhōre ubgawe; abansi bawe, n’abarondera kukugirira nabi, barakamera nka Nabali, mugenzi!