Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 1:24 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 Amaze kumucūtsa aramudūgana, ajana n’imasa imaze imyaka itatu, n’ingero yitwa efa y’ifu, n’umukuza w’urusato wa vino; nukw amujana i Shilo mu ngoro y’Uhoraho; kand’ uwo mwana yar’ akiri mutoya.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 1:24
9 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umwana arakura, aracuka; ku musi Isaka yacutseko Aburahamu atumirira abantu benshi amazimano.


Hanyuma uwo mugore, murumuna wa Tahupenesi, bavyarana umwana w’umuhungu, bamwita Genubati; igihe kigeze, Tahupenesi aramucūtsa, amujana kwa Farawo; nuko Genubati aguma i bgami mu bana ba Farawo.


Abacira uwundi mugani, at’ Ubgami bgo mw ijuru busa n’umwambiro, umugore yābiriye akawuvanga n’ingero zitatu z’ifu, gushitsa ah’ iribututumbire yose.


maz’ ahantu Uhoraho Imana yanyu azotoranya ngw ahashire izina ryiwe ngo rihabe, az’ abe ari ho mujana ivyo mbagera vyose; ibimazi vyanyu vyo kwoswa, n’ ibimazi vyanyu bindi, n’ibigiracumi vyanyu mutanga, n’amashikanwa yanyu mumugereye, n’ ivy’ indobanurwa vyo gushitsa amasezerano mwasezeraniye Uhoraho;


Haze harenguke izinamuhungu wese imbere y’Uhoraho Imana yanyu gatatu‐gatatu mu mwaka, barenguke ha hantu azoba yātoranije. Baze mu misi mikuru y’imitsima itambiwe, no ku musi ukurikira ya masabato ndwi, no mu misi mikuru y’insāgo; ariko ntibaze barenguke imbere y’ Uhoraho iminwe misa.


Maz’ ikoraniro ryose ry’Abisirayeli bakoranira i Shilo, bahashinga ihema ry’ibonaniro; kand’ igihugu cari kimaze gukōndōka.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ