Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 1:22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Ariko Hana ntiyadūgayo, abarira umugabo wiwe, at’ Umwana ni yamara gucūka ni ho nzodūga, ndamujane, ashikirizwe Uhoraho, agumey’ igihe cose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 1:22
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uhoraho ararahiye, ntazokwicuza, At’ Ur’ umuherezi ibihe bidashira Mu buryo bga Melekisedeki.


N’ukuri ivyiza n’imbabazi bizonyomako imisi yose y’ ukubaho kwanje, Nanje nzoba mu ngoro y’Uhoraho ibihe vyose.


Ico nsaba Uhoraho ni kimwe, ni co nzohora nitwaririka: N’ukuba mu ngoro y’Uhoraho imisi yose y’ubugingo bganje, Nkarāba ubgiza bg’Uhoraho, nkihweza urusengero rwiwe.


shebuja amuzane aho ndi, jewe Imana, aheze amuhagarike ku rugi canke ku gishimaryango, amutoboze ugutwi umugera; uwo az’ arinde apfa akimujākariye.


Ukugwira kw’ubutware bgiwe n’amahoro ntibizogira iherezo, ku ngoma ya Dawidi no ku bgami bgiwe, bibukomeze, bibushigikize guca imanza zibereye n’ukugororoka, uhereye none ugashitsa ibihe vyose. Umwete w’Uhoraho Nyen’ ingabo uzoshitsa ivyo.


Amatongo ntaz’ agurwe herandaheze, kukw igihugu ar’ icanje, namwe kuri jewe mukaba akavantara n’ abatsi b’indāro.


Imisi ishize yo guhumanurwa kwabo, nk’ukw ivyagezwe vya Mose biri, bamujana i Yerusalemu kumushikanira Umwami Imana,


Haze harenguke izinamuhungu wese imbere y’Uhoraho Imana yanyu gatatu‐gatatu mu mwaka, barenguke ha hantu azoba yātoranije. Baze mu misi mikuru y’imitsima itambiwe, no ku musi ukurikira ya masabato ndwi, no mu misi mikuru y’insāgo; ariko ntibaze barenguke imbere y’ Uhoraho iminwe misa.


muze mubishure, muti N’ukw amazi ya Yorodani yīmiriwe, akitandukaniriza imbere y’isandugu y’isezerano ry’ Uhoraho; mut’ Igihe yarikw irajabuka Yorodani, amazi yarwo yarīmiriwe; muti Kand’ aya mabuye yabereyeho kuba icibutso c’Abisirayeli gushitsa ibihe vyose.


asezerana isezerano, at’ Ewe Uhoraho Nyen’ ingabo, ni warāba umubabaro wanje incoreke yawe, ukanyibuka, ntunyibagire jewe incoreke yawe, ukantabaza umwana w’umuhungu, nanje nzomuguha, Uhoraho, abe uwawe kuzorinda apfa, kandi nta rupfuhe ruzomugera ku mutwe.


Ni co gitumye ndamugize inkūka y’Uhoraho; azorinda apfa ar’ inkūka y’Uhoraho. Nuko basengera Uhoraho aho hantu.


Maze Samweli abgira Sauli, ati Wakoze ic’ ubupfu; iyo wumvira icagezwe Uhoraho Imana yawe yakugeze, Uhoraho na we yokomeje ubgami bgawe ibihe vyose mu Bisirayeli.


Maze Elukana asubira i we i Rama. Arik’ uwo mwana akorera Uhoraho imbere ya Eli umuherezi.


Ariko Samweli akorera Uhoraho, kandi yar’ akir’ umwana, yari yambaye efodi yera derere.


Dawidi aramwishura, ati Ni ko; kandi ni ho uzomenyera ico ndimwo, jewe umusavyi wawe. Akishi aramwishura, ati Nuko nanje nzokugira uwo kuzigama agatwe kanje na ntaryo.


Uwo mwana Samweli yakorera Uhoraho imbere ya Eli. Kandi mur’ iyo misi ijambo ry’ Uhoraho ryari risigaye ar’ imbonekarimwe, nta kwerekwa na we kwari kukiriho cane.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ