Hār’ umuntu w’i Ramatayimu‐sofimu, mu mugamba w’Abefurayimu, yitwa Elukana; yari mwene Yerohamu, Yerohamu wa Elihu, Elihu wa Tohu, Tohu wa Sufu, w’Umwefurayimu.
Nuko Dawidi ni kwo guhunga agacika, akaja i Rama kwa Samweli, amwīgānira ivyo Sauli yamugiriye vyose. Hanyuma ahagurukana na Samweli, baja i Nayoti, bagumayo.
Maze Samweli apfuye, Abisirayeli bose bakoranira hamwe, baramuririra; bamuhamba i we i Rama. Hanyuma Dawidi ava hasi, aramanuka aja mu bugaragwa bg’i Parani.
Bukeye barazinduka; hakiri mu gaturuturu Samweli ahamagara Sauli iy’ ari hejuru ku nzu, ati Vyuka, ndaguherekeze. Nuko Sauli aravyuka, arengana irembo na Samweli.