Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 1:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Bukeye barazinduka, baja imbere y’Uhoraho barasenga; bahejeje barataha, basubira i wabo i Rama. Maze Elukana arārira Hana umugore wiwe, Uhoraho aramwibuka.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 1:19
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uhoraho agendera Sara nk’ uko yavuze, kand’ amugirira nk’uko yamubariye.


Maz’ Imana yibuka Rakeli, iramwumvira, izibūra inda yiwe.


Kand’ uwo mugabo abana na Eva umugore wiwe; nukw asama inda, avyara Kayini, aravuga, ati Ndonse umuhungu kubg’ Uhoraho.


Imana yibuka Nowa n’ibifise ubugingo vyose, n’ibitungano vyose vyari kumwe na we mu bgato: Imana ihūhīsha umuyaga kw isi, amazi atangura kugabanuka.


Hanyuma uwo mugore asama inda, avyara umwana w’umuhungu, ca gihe nyene Elisa yamubariye gishitse.


Umutwenzi utaratambika naratakamvye: Amajambo yawe ni yo nizigiye.


Yaratwibutse aho twāri mu bufafara, Kukw imbabazi zayo zamah’ ibihe bidashira;


Ntiwibuke ivyaha vyo mu busore bganje, cank’ ibicumuro vyanje, Nk’ukw imbabazi zawe ziri, abe ari k’unyibuka, Kubgo kugira neza kwawe, Uhoraho.


Uhoraho, mu gitondo uzokwama wumva ijwi ryanje: Mu gitondo nzokwama nerekeza ugusenga kwanje kuri wewe, nderetse.


Ku mugoroba no mu gitondo no mu mashōka nzokwama niganyira, ncura umuniho, Na we azokwumva ijwi ryanje.


Mw ijoro rishīra ubuca aravyuka, arasohoka, aja mu gahinga, asengerayo.


Kand’ aravuga, at’ Urahava uz’ unyibuke Yesu, ah’ uzozira mu bgami bgawe.


Hār’ umuntu w’i Ramatayimu‐sofimu, mu mugamba w’Abefurayimu, yitwa Elukana; yari mwene Yerohamu, Yerohamu wa Elihu, Elihu wa Tohu, Tohu wa Sufu, w’Umwefurayimu.


asezerana isezerano, at’ Ewe Uhoraho Nyen’ ingabo, ni warāba umubabaro wanje incoreke yawe, ukanyibuka, ntunyibagire jewe incoreke yawe, ukantabaza umwana w’umuhungu, nanje nzomuguha, Uhoraho, abe uwawe kuzorinda apfa, kandi nta rupfuhe ruzomugera ku mutwe.


Maze Samweli aja i Rama, Sauli na we aradūga, ataha i muhira i we i Gibeya.


Nuko Samweli aca yābīra rya hembe ry’amavuta, ayamusukako bakuru be bamukikije. Kuva uwo musi Mpwemu w’Uhoraho yama aza kuri Dawidi akābushūngwe. Nuko Samweli arahaguruka, asubira i Rama.


Nuko Dawidi ni kwo guhunga agacika, akaja i Rama kwa Samweli, amwīgānira ivyo Sauli yamugiriye vyose. Hanyuma ahagurukana na Samweli, baja i Nayoti, bagumayo.


Maze Elukana asubira i we i Rama. Arik’ uwo mwana akorera Uhoraho imbere ya Eli umuherezi.


Maze Samweli apfuye, Abisirayeli bose bakoranira hamwe, baramuririra; bamuhamba i we i Rama. Hanyuma Dawidi ava hasi, aramanuka aja mu bugaragwa bg’i Parani.


agaheza agasubira i Rama, kukw ari ho urugo rwiwe rwari ruri, na ho nyene akahacīrira Abisirayeli imanza. Kandi yari yarahubakiye Uhoraho igicaniro.


Nukw abakuru b’Abisirayeli bose barakorana, baja i Rama kwa Samweli,


Bukeye barazinduka; hakiri mu gaturuturu Samweli ahamagara Sauli iy’ ari hejuru ku nzu, ati Vyuka, ndaguherekeze. Nuko Sauli aravyuka, arengana irembo na Samweli.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ