17 Maze Eli aramwishura, ati Nuko ni wīgīre amahoro; Imana ya Isirayeli iguhe ico wayisavye.
Isaka atakambira Uhoraho kubg’ umugore wiwe, kukw atāvyara: Uhoraho yumva gutakamba kwiwe, Rebeka umugore wiwe asama inda.
Umwami aramwishura, ati Nuko genda amahoro. Nukw arahaguruka aja i Heburoni.
Elisa aramubarira, ati Genda amahoro. Ariko Namani avuyeyo, agenze akarēre gatoya,
Yabesi atakambira Imana y’Abisirayeli, at’ Icompa ukampa umugisha, ukūngura urubibe rwanje, ukuboko kwawe kukagenda kundamira, ukandinda ivyago, singorwe! Nukw Imana imuha ivyo yasavye.
Yesu aramubgira, ati Mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije, genda amahoro, ukire rwose icago cawe.
Abgira wa mugore, at’ Ukwizera kwawe kuragukijije, genda amahoro.
Aramubgira, ati Mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije, genda amahoro.
Uwo muherezi arabishura, ati Ni mugende uburarame: Uhoraho arabaragira mu rugendo rwanyu.
Ntugire ngo nd’ umuntu w’ umunyangeso mbi, kukw aka kanya kose namye mvugana umubabaro n’amaganya bindengeye.
Maze Elukana umugabo wiwe aramwishura, ati N’ukore ico ushimye: wigumire aho gushitsa ah’uzomucūkiriza; arik’ Uhoraho n’ashitse ijambo ryiwe. Nuk’ uwo mugore yigumira ngaho, yonsa umwana wiwe, gushitsa aho yamucūkirije.
Maze Yonatani abarira Dawidi, ati Genda amahoro, ko twarahiye mw izina ry’Uhoraho, tukavuga, tut’ Uhoraho azoba hagati yacu no hagati y’ uruvyaro rwacu gushitsa ibihe vyose. Nuko Dawidi arahaguruka aragenda; Yonatani na we asubira mu gisagara.
Nuko Dawidi amwākīrira ivyo amuzaniye; aramubarira, ati Ni wīdūgire, usubire i muhira amahoro; nukw ivyo uvuze ndavyumvise, ndakwemereye.
None rero ni wītāhire, ugende amahoro, woye gutera ishavu abaganwa b’Abafilisitiya.