16 Ntugire ngo nd’ umuntu w’ umunyangeso mbi, kukw aka kanya kose namye mvugana umubabaro n’amaganya bindengeye.
Zirikana unyumve, unyishure: Nembembeshwa n’amajojwa yanje, ndaniha;
bati Hādutse abagesera muri mwebge bariko barakwegakwega abo mu gisagara cabo, bat’ Ingo tugende, dusabe izindi mana, kand’ ar’ izo mutigeze kumenya;
muze mubibariritse, mubicishe agace, mubihwēbūtse mushirutse umwete. Maze ni mwasanga ar’ ivy’ ukuri, ata mazinda, yuk’ ubuyobe bungana burtyo bukorerwa hagati muri mwebge;
Ariko Hana aramwishura, at’ Oyaye mwami wanje, nd’ umuntu yabonye amahano! Nta vino nanyoye cank’ ikindi kiboreza, ariko nariko ndasuka amajojwa yanje imbere y’Uhoraho.
Maze Eli aramwishura, ati Nuko ni wīgīre amahoro; Imana ya Isirayeli iguhe ico wayisavye.
Arikw abantu b’abagesera bamwe baravuga, bati Mbeg’ uwo muntu yodutabara ate? Baramukēngēra, ntibāruha bamuzanira n’ imishikīro. Arikw apfa kwinumira.
Kandi bene Eli bār’ abanyangeso mbi; bāpfa uko bagize ivy’ Uhoraho,
Ndakwinginze, mwami wanje, woye kwiyumvira kur’ uwo muntu w’umugesera Nabali. Izina ni ryo muntu: Nabali ni ko yitwa, kand’ ubujuju ni ko kameremere kiwe. Ariko jewe umuja wawe sinigeze mbona imikangara yawe watumye, mwami wanje.