Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 1:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Ariko Hana aramwishura, at’ Oyaye mwami wanje, nd’ umuntu yabonye amahano! Nta vino nanyoye cank’ ikindi kiboreza, ariko nariko ndasuka amajojwa yanje imbere y’Uhoraho.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 1:15
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze non’ ubugingo bganje bunshongeyemwo; Imisi y’umubabaro irancakiye.


Nkwayira amaboko; Umushaha wanje ukugirira inyota nk’iy’ igihugu cūmāniwe. Sela.


Ibi ndavyibuka, umutima ukantunturira mu nda, Ingene najana n’ishengero, mbajana mu ngoro y’Imana, Tugendana ijwi ry’akanyamuneza n’ishimwe, tur’ ikoraniro rigize umusi mukuru.


Yemwe bantu, mwame muyizigira ibihe vyose: Musuke ivyo mu mitima yanyu imbere yayo: Imana ni yo itubera ubuhungiro. Sela.


N’ukuri abafafara ni nk’impwemu zihumetswe, kand’ abahambaye n’ibinyoma gusa: Ni bashirwa ku munzane, bazoteruka gusa; Bose hamwe bahwahutse kurusha impwemu zihumetswe.


Umutima wimenyera uwawo mubabaro, Kand’ umunezero wawo umunyamahanga ntashobora kuwītamwo.


Ukwishura kwiyoroheje guhwama uburake, Arikw ijambo ribabaza rivyura ishavu.


Gushishikara wiyoroheje vyemeza umucamanza, Kand’ ururimi rwiyoroheje rujanjagura igufa.


Va hasi uboroge mw ijoro, uhereye igihe amaterama atanguye; Usuke umutima wawe nk’ amazi imbere y’Umwami Imana: Tega ibiganza umusabire ubugingo bg’abana bawe, Barambitswe n’inzara mu mayirabiri yose.


Ntugire ngo nd’ umuntu w’ umunyangeso mbi, kukw aka kanya kose namye mvugana umubabaro n’amaganya bindengeye.


Nuko bakoranira i Misipa, bavoma amazi, bayavyagiza imbere y’Uhoraho; uwo musi barisonzesha, baravuga, bati Twaracumuye k’Uhoraho. Maze Samweli acīrira Abisirayeli imanza aho nyene i Misipa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ