12 Nukw akomeje artyo gusengera imbere y’Uhoraho, Eli yitegereza umunwa wiwe;
Abacira umugani wo kubigisha ko bakwiye guhora basenga, ntibarambirwe,
musengere muri Mpwemu ibihe vyose, mu buryo bgose bgo gusenga no kwinginga, kand’ ivyo mubibere maso, mukobeje rwose, musengera abera bose.
Mukovye mu gusenga, mukubemwo maso, mushima;
musenge ubudasība;
Mwaturanire ivyaha vyanyu, musengeranire, kugira ngo mukire indwara. Ugusaba kw’umugororotsi kugira ikimazi kuri vyinshi mu gikorwa cakwo.
asezerana isezerano, at’ Ewe Uhoraho Nyen’ ingabo, ni warāba umubabaro wanje incoreke yawe, ukanyibuka, ntunyibagire jewe incoreke yawe, ukantabaza umwana w’umuhungu, nanje nzomuguha, Uhoraho, abe uwawe kuzorinda apfa, kandi nta rupfuhe ruzomugera ku mutwe.
kuko Hana yavugira mu mutima, akubita umunwa gusa, arikw ijwi ryiwe ritumvikana; ni co catumye Eli yiyumvira kw aborewe.