Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 1:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 asezerana isezerano, at’ Ewe Uhoraho Nyen’ ingabo, ni warāba umubabaro wanje incoreke yawe, ukanyibuka, ntunyibagire jewe incoreke yawe, ukantabaza umwana w’umuhungu, nanje nzomuguha, Uhoraho, abe uwawe kuzorinda apfa, kandi nta rupfuhe ruzomugera ku mutwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 1:11
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yakobo asezerana isezerano, at’ Imana ni yabana nanje, ikanzigamira mur’ uru rugendo ndimwo, ikampa ivyo kurya n’ivyo kwambara,


Leya asama inda, avyara umuhungu, amwita Reyubeni, ati N’uk’ Uhoraho yabonye umubabaro wanje; noneh’ umugabo wanje azonkunda.


Maz’ Imana yibuka Rakeli, iramwumvira, izibūra inda yiwe.


Imana yibuka Nowa n’ibifise ubugingo vyose, n’ibitungano vyose vyari kumwe na we mu bgato: Imana ihūhīsha umuyaga kw isi, amazi atangura kugabanuka.


Kumbure Uhoraho azorāba ayo mbonye, ampe ivyiza mu gishingo c’iyo mivumo mvumwe uyu musi.


Witegereze umubabaro wanje n’umuruho, Umparire ivyaha vyanje vyose.


Abantu baca baremera: maze bumvise yuk’ Uhoraho yagendeye Abisirayeli, akabona amarushwa barimwo, bunamika amaso, barasenga.


Nguhanūre ngw iki ga mwana wanje? Nguhanūre ngw iki ga mwana w’ubura bganje? Nguhanūre ngw iki ga mwana w’amasezerano yanje?


Ni wasezerana isezerano ku Mana, ntutebe kurishitsa; kukw idahimbarwa n’ibipfu: ushitse ico wasezeranye.


ati Barira Abisirayeli, ut’ Umuntu ni yashitsa isezerano yansezeraniye jewe Uhoraho, riherereye ku citwa izinamuntu, uwo yasezeranywe az’ acunguzwe igiciro uzocira.


Abisirayeli basezeranira Uhoraho isezerano, bati Ni wagabura aba bantu mu maboko yacu, tuzokomvomvora ibisagara vyabo.


maz’ umuherezi atange kimwe kw ikimazi co gutangirwa ivyaha, ikindi agitange kw ikimazi co kwoswa, amutangire impongano y’icaha yazaniwe n’uwo muvyimba, yēze umutwe wiwe kur’ uwo musi.


Mu misi yose y’isezerano ryiwe ry’ubunaziri ntihaze hagire urupfuhe rugera ku mutwe wiwe: az’ abe uwera gushitsa ah’ imisi yo kunyiyegurira jewe Uhoraho izoshirira; az’ areke umushatsi wiwe utendere.


Imisi yose y’ubunaziri bgiwe az’ abe uwera kuri jewe Uhoraho.


Maze Yefuta asezeranira Uhoraho isezerano, ati Ni wagabura Abamoni mu maboko yanje,


kukw ehe rāba, ugiye gusama inda, uvyare umwana w’umuhungu; kandi ntihaze hagire urupfuhe rumugera ku mutwe; kuk’ uwo mwana azoba Umunaziri ku Mana uhereye akiva mu nda; kandi ni we azotangura kurokora Abisirayeli, abakūre mu maboko y’Abafilisitiya.


Maze Hana asenga Uhoraho afise intuntu, arira cane,


Nukw akomeje artyo gusengera imbere y’Uhoraho, Eli yitegereza umunwa wiwe;


Bukeye barazinduka, baja imbere y’Uhoraho barasenga; bahejeje barataha, basubira i wabo i Rama. Maze Elukana arārira Hana umugore wiwe, Uhoraho aramwibuka.


Ariko Hana ntiyadūgayo, abarira umugabo wiwe, at’ Umwana ni yamara gucūka ni ho nzodūga, ndamujane, ashikirizwe Uhoraho, agumey’ igihe cose.


Uyu mwana ni we nasaba, kand’ Uhoraho yampaye ico namusavye.


Ni co gitumye ndamugize inkūka y’Uhoraho; azorinda apfa ar’ inkūka y’Uhoraho. Nuko basengera Uhoraho aho hantu.


Eli na we agahezagira Elukana n’umugore wiwe, at’ Uragahabga uruvyaro n’Uhoraho kur’ uyu mugore, abasubirize mu bukandu bg’ uwo yahaye Uhoraho kw’ inkūka; bagaheza bagasubira i wabo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ