1 Hār’ umuntu w’i Ramatayimu‐sofimu, mu mugamba w’Abefurayimu, yitwa Elukana; yari mwene Yerohamu, Yerohamu wa Elihu, Elihu wa Tohu, Tohu wa Sufu, w’Umwefurayimu.
Maz’ ico gihe, Abisirayeli bataragira umwami, hār’ Umulewi yari yaracīkiye mu mugamba w’Abefurayimu wo hirya, yari yābiriye umugore ava i Betelehemu h’i Buyuda.
Yakunda kwicara musi y’ikigazi citwa ica Debora nyene, cari hagati y’i Rama na Beteli mu mugamba w’Abefurayimu; kand’ Abisirayeli bāma badūga baja kuri we ngw abacire imanza.
Nuko baca mu mugamba w’Abefurayimu no mu ntāra y’i Shalisha, ntibāzibona. Maze baca mu ntāra y’i Shalimu barazibura, baca no mu ntāra y’ Ababenyamini, na ho nyene ntibāzibona.