Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 1:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Hār’ umuntu w’i Ramatayimu‐sofimu, mu mugamba w’Abefurayimu, yitwa Elukana; yari mwene Yerohamu, Yerohamu wa Elihu, Elihu wa Tohu, Tohu wa Sufu, w’Umwefurayimu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 1:1
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Yerobowamu mwene Nebati, Umwefurayimu w’i Sereda, umusavyi w’umwami Salomo, na we aramugarariza; nyina yar’ umupfakazi yitwa Zeruwa.


Aba Kohati, umuhungu wiwe ni Aminadabu, uwa Aminadabu ni Kora, uwa Kora ni Asiri;


Aba ni bo bākora ico gikorwa, bo n’ abana babo: mu ba Kohati ni Hemani umuririmvyi, mwene Yoweli, Yoweli wa Samweli;


Samweli wa Elukana, Elukana wa Yerohamu, Yerohamu wa Eliyeli, Eliyeli wa Towa;


Ariko bugorovye haza umutunzi w’i Arimataya yitwa Yosefu, kandi na we yar’ umwigishwa wa Yesu;


Na Eleyazari mwene Aroni arahwera; bamuhamba mu gisagara ca Finehasi umwana wiwe i Gibeya, aho yari yarahawe mu mugamba w’Abefurayimu.


Abagileyadi bazibira ivyambu vya Yorodani ngo batege Abefurayimu; maz’ ūcitse wo mu Befurayimu yahashika, ati Ndeka njabuke, Abagileyadi bakamubaza, bat’ Ur’ Umwefurayimu? Yavuga, at’ Oya!


Kandi hār’ umuntu wo mu mugamba w’Abefurayimu yitwa Mika.


Maz’ ico gihe, Abisirayeli bataragira umwami, hār’ Umulewi yari yaracīkiye mu mugamba w’Abefurayimu wo hirya, yari yābiriye umugore ava i Betelehemu h’i Buyuda.


Yakunda kwicara musi y’ikigazi citwa ica Debora nyene, cari hagati y’i Rama na Beteli mu mugamba w’Abefurayimu; kand’ Abisirayeli bāma badūga baja kuri we ngw abacire imanza.


Uwo mugabo yitwa Elimeleki, umugore wiwe yitwa Nawomi, abahungu biwe bompi umwe yitwa Mahaloni, uwundi yitwa Kiliyoni, bār’ Abanyefurata b’i Betelehemu h’i Buyuda. Bashika mu gihugu c’i Mowabu, babayo.


Obedi yavyaye Isayi; Isayi yavyaye Dawidi.


Bukeye barazinduka, baja imbere y’Uhoraho barasenga; bahejeje barataha, basubira i wabo i Rama. Maze Elukana arārira Hana umugore wiwe, Uhoraho aramwibuka.


Kandi Dawidi yar’ umwana wa wa Munyefurata w’i Betelehemu h’i Buyuda yitwa Isayi; Isayi yar’ afise abahungu munani; kand’ igihe Sauli yīma Isayi yar’ ashitse mu zabukuru.


Maze Elukana asubira i we i Rama. Arik’ uwo mwana akorera Uhoraho imbere ya Eli umuherezi.


agaheza agasubira i Rama, kukw ari ho urugo rwiwe rwari ruri, na ho nyene akahacīrira Abisirayeli imanza. Kandi yari yarahubakiye Uhoraho igicaniro.


Nuko baca mu mugamba w’Abefurayimu no mu ntāra y’i Shalisha, ntibāzibona. Maze baca mu ntāra y’i Shalimu barazibura, baca no mu ntāra y’ Ababenyamini, na ho nyene ntibāzibona.


Hanyuma bashitse mu ntāra y’i Sufi, Sauli abarira uno muntu bari kumwe, at’ Ingo dutahe, data ntahave ahagarikira umutima twebge kuruta indogoba.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ