Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Petero 5:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Mwirinde ibiboreza, mwame mugavye: umurezi wanyu, ari we wa Murwanizi, agendagenda nk’intambge yivuga, arondera uwo arotsa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Mwame mugavye. Wa mwansi wanyu, ari we Satani, azunguruka hirya no hino aroha nk’intambwe, arondera uwo yorotsa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Petero 5:8
61 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Esiteri aramwishura, ati N’umubisha kandi n’umwansi, ni we uyu muyobe Hamani! Maze Hamani acikira ivutu imbere y’umwami n’umwamikazi.


Uhoraho abaza Satani, at’ Uvuye hehe? Satani yishura Uhoraho, ati Mvuye gukwiragira mw isi no kuyigendagendamwo.


Imigunza y’intambge iroherana igomba ico yofata; Ku Mana ni ho ironderera ivyo kurya vyayo.


Umuhe kuganzwa n’umunyakibi, Wa murwanizi ahagarare i buryo bgiwe.


Uburake bg’umwami ni nk’ ukwivuga kw’intambge, Arikw ineza yiwe ni nk’ikime gihēmbūra ivyatsi.


Ugushangashirwa kw’umwami ni nk’ukwivuga kw’ intambge, Ūmurakije aba yicishije umutwe.


Ūtwaza ituntu abantu b’abafafara Ameze nk’intambge yivuga, n’igikōko citwa idubu yābagizwa n’inzara.


Ūntsindishiriza ari hafi; non’ uwombūranya ni nde? Ngo tuve hasi duhagararane: umubūranyi wanje ni nde? N’aze tubangikane.


Imigunza y’intambge yamwivugiyeko irenza amajwi, yahinduye igihugu ciwe imisaka; ibisagara vyiwe vyaturiwe, bisigaye ata wukihaba.


Bazokwivuga nk’imigunza y’intambge bose icarimwe, bagwangware nk’ ivyana vy’intambge.


Maz’ isangangura ingoro zabo, itikiza ibisagara vyabo; igihugu cononekarana n’ibirimwo vyose, kubgo kwumva ukwivuga kwayo.


Abaganwa baho bagīriye inama y’ubugarariji hagati muri ho, nk’ukw intambge itabagura ico ihīze: batsontsomeye abantu; banyaze ubutunzi n’ivy’ igiciro; bapfakaje benshi hagati muri ho.


Maz’ umwami avuga ko bazana ba bagabo bāreze Daniyeli; babaterera muri rwa rwobo rw’intambge, bo n’abana babo n’abagore babo; zibasamira mu kirēre zibajanjagurana n’amagufa yabo, batarushe bashika no hasi mu rwobo.


Bazogenda bankurikira jewe Uhoraho, nivuga nk’intambge: mbere nzokwivuga, maz’ abana bazoza bahinda agashitsi, bavuye i burengerazuba.


Nzobasimbirako mmeze nk’igikōko citwa idubu gisahuwe ivyana vyaco, nzotabagura urubambanda rwōrōshe imitima yabo: aho ni ho nzobatsontsomerera nk’intambge; ibikōko vy’inkazi bizobaromagira.


Maz’ Uhoraho azokwivugira i Siyoni, arangurure ijwi ar’ i Yerusalemu; ijuru n’isi bizotigita: arik’ Uhoraho azobera abantu biwe ubuhungiro, Abisirayeli ababere igihome co kubakingira.


Nuko yaravuze, at’ Uhoraho azokwivugira i Siyoni, arangurure ijwi ar’ i Yerusalemu; maz’ amaragiro y’abungere azosigara aganya, no ku gatwe k’i Karumeli hazokwuma.


Cank’ intambge yokwivugira mu kibira ata co yishe? Umugunza w’intambge wotontomera mw isenga ryawo ata co wafashe?


Intambge irīvuze, none ni nde atotinya? Umwami Uhoraho aravuze, none ni nde atovugishwa?


Umve induru z’abungere, kukw icubahiro cabo catītūtse. Umve imigunza y’intambge yivuga, kuk’ ukuberwa kwa Yorodani kwononekaye.


Maz’ anyereka Yosuwa umuherezi mukuru ahagaze imbere y’umumarayika w’Uhoraho, na Satani ahagaze i buryo bgiwe ngw amurege.


Umwansi yarubivye ni wa Murwanizi. Igenya n’umuhero w’isi. Abagenyi n’abamarayika.


Nuko mwame mugavye, kuko mutazi umusi Umwami wanyu azozako.


Maz’ azobgira n’abar’ i bumoso, ati Mva i ruhande, mwa bivume mwe, muje mu muriro utazima wateguriwe wa Murwanizi n’abamarayika biwe.


Buno Yesu adūganwa na Mpwemu mu bugaragwa ngw ageragezwe n’Umurwanizi.


Maz’ Umurwanizi aramureka, kand’ abamarayika baraza, baramukorera.


Ab’i ruhande y’inzira, ah’ iryo jambo ribibga, iyo bahejeje kwumva, Satani aca aza uwo mwanya, akabakūramw’ iryo jambo ryabibge muri bo.


Ariko mwirinde, kugira ngw imitima yanyu ntīremērwe no kudandahirwa no kuborerwa n’umwitwaririko w’ivy’ ubu bugingo, ng’uwo musi ntubazeko giturumbuka, nk’umutego:


Mwame mugavye, musenge mu bihe vyose, kugira ngo muze mushobore guhunga ivyo vyose bigira bibeho, ngo muhagarare imbere y’Umwana w’umuntu.


Ati Simoni, Simoni, rāba Satani yabasavye ngw abagosore nk’ingano;


Mwebge mur’ aba so wa Murwanizi, kand’ ivyo so yifuza ni vyo mushaka gukora. Uwo yahereye ubga mbere na mbere ar’umwicanyi, kandi ntiyahagaze mu kuri, kukw ata kuri kuri muri we. Iy’ avuga ibinyoma, avuga ivyiwe, kukw ar’ umunyabinyoma, kand’ ari we se wavyo.


kugira ngo Satani ntaronke ic’ adutsindisha, kuko tutayobewe imigabo yiwe.


Mwambare ibirwanishwa vyose vy’Imana, kugira ngo mushobore guhagarara mudatsinzwe n’ubugunge bga wa Murwanizi.


Yamar’ azokizwa kubg’ ukuvyara, ni bashishikara kwizera no kugira urukundo no kwezwa, bifatanye no kudahugumba.


Kandi n’abagore nyene, ndagomba ko bambara imyambaro biberanye, bagendane isoni badahugumba kandi badashazisha gutsiba umushatsi, cank’ izahabu, cank’ imaragarita, cank’ impuzu z’igiciro kinini,


N’abagore nyene babe inyankamugayo, batarementaniriza abandi, batarenza urugero, bizigirwa muri vyose.


Nuk’ umuzezwashengero akwiye kutabak’ umugayo, kand’ akwiye kuba umugabo afise umugore umwe gusa; abe ūtarenza urugero, adahugumba, aganza ingeso ziwe, akunda gutanga indāro, afise ubgenge bgo kwigisha,


Arik’ Umwami wacu ni we yampagarikiye, arandemesha, kugira ng’ ubutumwa buvugwe nanje butagabanije, abanyamahanga bose babgumve. Nuko mva mu menyo y’intambge.


arikw abe ūkunda gutanga indāro, akunda ivyiza, adahugumba, agororoka, yera, yirinda,


butwigisha kwikunkumura ukutubaha Imana n’ukwifuza ivy’ isi, bukatwigisha kwama tudahugumba, tugororoka, twubaha Imana, mu gihe ca none,


Bgira abatāma boye kurenza urugero, babe inyankamugayo, badahugumba, babe abahangaye mu kwizera no mu rukundo no mu kwihangana.


kugira ngo batoze abagore bakiri bato ubgenge bgo gukunda abagabo babo n’abana babo,


N’imisore n’uko ubahanūre ntibahugumbe;


Nuko mugamburukire Imana, ariko murwanye wa Murwanizi, na we azobahunga.


Nuko rero mukenyere mu mitima yanyu, mwirinde ibiboreza, mwizigire rwose ubuntu muzozanirwa mu kuzohishurwa kwa Yesu Kristo.


Arik’ umuhero wa vyose uri hafi: nuko ntimuhugumbe, mwirinde, kugira ngo mubone uko mushishikara gusenga.


Mw ijuru numva ijwi rirenga, riti Noneh’ agakiza karashitse, gashikanye n’ubushobozi n’ubgami bg’Imana yacu n’ububasha bga Kristo wayo: kuk’ Umurezi wa bene Data akororewe hasi, yahora abarega ku murango no mw ijoro imbere y’Imana yacu.


Nuko noneho munezerwe mwa majuru, namwe abayabamwo. Ibara rizobonwa n’isi n’ikiyaga, kuk’ Umurwanizi yabamanukiye, ari n’inzigo nyinshi, azi kw afise igihe gito.


Ca gisato c’amahēro kirakororwa, ni co ya nzoka ya mbere, yitwa Murwanizi, irindi ni Satani, ni co kizimiza abari kw isi bose, gikororerwa kw isi, abamarayika baco bakororanwa na co.


Kand’ Umurwanizi yabazimiza atererwa muri ca kiyaga caka umuriro n’amazuku, kirimwo na ca gikōko na wa muvugishwa w’ibinyoma, bazobabazwa ku murango no mw ijoro ibihe bitazoshira.


Afata ca gisato, ni co ya nzoka ya mbere, ni yo Murwanizi irindi ni Satani, akiboha ngo kimare imyaka igihumbi,


Hanyuma Samusoni amanukana na se na nyina, baja i Timuna; ashitse mu mizabibu yaho, ahūra n’umugunza w’intambge, iramutontomera.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ