Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Petero 5:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Nuko mwicishe bugufi muri musi y’ukuboko kw’Imana kw’ubushobozi, kugira ngw iz’ ibashire hejuru mu gihe gikwiye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Nuko rero mwicishe bugufi, musi y’ikiganza c’Imana c’ubushobozi kugira ngo ize ibashire hejuru mu gihe gikwiye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Petero 5:6
41 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

riti Mbeg’ urabonye ingene Ahabu yicishije bugufi imbere yanje? Ko yicishije bugufi artyo imbere yanje, sinzozana ivyo vyago ku ngoma yiwe, ariko ku ngoma y’ umuhungu wiwe ni ho nzozana ivyo vyago ku nzu yiwe.


ngo Kuko watsinzwe mu mutima wawe, ukicisha bugufi imbere yiwe, igihe wumva ivyo yavuze kur’ aha hantu bo n’abahaba, ingene hazocika imisaka n’ikivume, ukitantamurirakw impuzu zawe, ukaririra imbere yiwe, ngo Na we arakwumvise; ni k’Uhoraho agize.


Nuko yicishije bugufi, uburake bg’Uhoraho bumuvako, ntiyabarandura rwose; kandi n’i Buyuda vyari bikimeze neza.


Mugabo bamwe bo mu Basheri no mu Bamanase no mu Bazebuloni barīhanūra, baja i Yerusalemu.


Ariko Hezekiya yicisha bugufi, yihana ubgo bgibone bgo mu mutima wiwe, ubgiwe n’ababa i Yerusalemu, bituma uburake bg’Uhoraho butabashikīra ku ngoma ya Hezekiya.


Maz’ abonye kw ashitse mu magorwa, yinginga Uhoraho Imana yiwe, yicisha bugufi ashika hasi imbere y’Imana ya ba sekuruza.


Kandi n’ivy’ isengesho ryiwe, n’ ingene yemerewe, n’ivy’ ivyaha vyiwe vyose n’ugucumura kwiwe, n’ivy’ ahantu hose yatavye ibitabo, akahashinga inkingi za Ashera n’ibishushanyo bibājwe, ataricisha bugufi, ivyo vyanditswe mu majambo ya Hozayi.


Ntiyicisha bugufi imbere y’ Uhoraho, nk’uko se Manase yicishije bugufi, ariko Amoni uwo agenda arushiriza gucumura.


na we akora ivyo Uhoraho Imana yiwe abona kw ari bibi; ntiyicisha bugufi imbere y’uwavugishwa n’ Imana Yeremiya, iy’ amubariye ibiva mu kanwa k’Uhoraho.


Rāba Imana ikora ibihambaye mu bushobozi bgayo: Umwigisha ahwanye na yo ni nde?


Kand’ amahembe yose y’ abanyakibi nzoyakōndōra; Arikw amahembe y’abagororotsi azoshirwa hejuru.


Ufise ukuboko kw’inkomezi, Ukuboko kwawe kurakomeye, ukuboko kwawe kw’i buryo gushizwe hejuru.


Mose na Aroni baja kwa Farawo, baramubgira, bat’ Uku ni k’ Uhoraho, Imana y’Abaheburayo, agize, ng’ Uzogeza ryari kwanka kwicisha bugufi imbere yiwe? Ngo Reka abantu biwe, bagende bamusabe.


Kandi ndazi yuk’ umwami wo muri Egiputa atazobakundira ko mugenda, shit’ ukuboko kw’inkomezi kumugondoje.


Mose atakambira Uhoraho Imana yiwe, ati Mbeg’ Uhoraho, n’iki gitumye uburake bgawe bururumba ku bantu bawe wakūje mu gihugu ca Egiputa ububasha bginshi n’ukuboko kw’inkomezi?


Ubgibone bg’umuntu buzomusubiza hasi, Arik’ uw’ umutima uciye bugufi azoronka icubahiro.


Kurābana agakēngērwe kw’abantu kuzocishwa bugufi, n’ubgibone bg’abahambaye buzosubizwa hasi, Uhoraho wenyene ni we azoba ashizwe hejuru kur’ uwo musi.


Umwonga wose uzokwuzuzwa, n’umusozi wose n’akarambi bizoringanizwa; ahār’ udutumba hazotega, uduhogoro ducike ikiyaya.


Kuk’ ukw ari kw Imwe iri hejuru isumba vyose igize, iba ahatazoshira, izina ryayo n’Uwera; iti Mba hejuru ahantu hēra, kandi mbana n’ūfise umutima umenetse wicisha bugufi, kugira ngo mpēmbūre imitima y’abicisha bugufi, mpēmbūre n’abafise imitima imenetse.


Barira umwami n’umugabekazi, uti Ni mwicishe bugufi, mwicare hasi, kukw ibitsibo vyanyu bishajije mwambaye mu mutwe biriko birakoroka.


Ntibarīcīsha bugufi gushitsa no kur’ uyu musi, ntibaratinya, ntibaragendera mu vyagezwe vyanje, canke mu mabgirizwa yanje, ivyo nashize imbere yanyu n’imbere ya ba sogokuruza.


Kand’ impunzi zo mu ngabo ziwe zose zizohindikiranywa n’inkota, na bo abasigaye bazoshwiragirizwa mu birēre vyose: kandi muzomenya yuko jewe Uhoraho nabivuze.


Nukw enda niha, ewe mwana w’umuntu, unihire imbere yabo kubg’ umutima usāvye no kubg’ intuntu nyinshi.


Ariko nawe, Belushaza, umwana wiwe, ntiwicishije bugufi mu mutima wawe, naho war’ uzi ivyo vyose;


ari kwo kwatumye nanje nnyuranya na bo, nkabahindira mu gihugu c’abansi babo; kandi ni bicisha bugufi ico gihe mu mitima yabo imeze nk’imibiri itakebge, bakarīmbūka, bakemera yukw ibihano bāhanwe ar’ ivyazanywe n’ibigabitanyo vyabo;


Ko yakweretse iciza ic’ ari co, ga yewe muntu: mbega har’ ikindi Uhoraho akugombako, atar’ ugukora ibiroranye, no gukunda kugira imbabazi, no kugendana n’Imana yawe wicishije bugufi?


Ūzokwishira hejuru azocishwa bugufi, kand’ ūzokwicisha bugufi azoshirwa hejuru.


Yirukanye abaganza ku ntebe zabo, Yashize hejuru abafafara.


Kuk’ umuntu wese yishira hejuru azocishwa bugufi, kand’ uwicisha bugufi azoshirwa hejuru.


Ndababgire, Uwo muntu yamanutse aja i we, atsindanishirijwe kuruta wa wundi; kuk’ uwishira hejuru wese azocishwa bugufi, arik’ uwicisha bugufi azoshirwa hejuru.


Tugifise intege nke, mu gihe gikwiye Kristo yapfiriye abatubaha Imana.


Cank’ Umwami tumutere ishari? Mbega tumurusha inkomezi?


Uguhōra n’ukwanje, nzobasubiriza mu nkōko Igihe ibirenge vyabo bizonyerera. Kuk’ umusi w’ivyago vyabo uri hafi, Kand’ ibigira bibazeko bizotebuka.


yitanze kw incungu ya bose. Kand’ ivyo bishingirwe intahe mu bihe vyavyo,


Ariko mu bihe yitoranirije yerekanishije ijambo ryayo ubutumwa najejwe, nk’ukw Imana Umukiza wacu yageze.


Mwicishe bugufi imbere y’Umwami Imana, na yo izobashira hejuru.


Nuko mugamburukire Imana, ariko murwanye wa Murwanizi, na we azobahunga.


Abāvugishijwe mw izina ry’Umwami Imana bababere icitegererezo bene Data, co kubabazwa no kwihangana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ