Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Petero 5:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Namwe bukungu, mugamburukire abashingantahe. Mwese mukenyere ukwicisha bugufi kugira ngo mukorerane: kukw Imana irwanya abībona, arikw abicisha bugufi ikabaha ubuntu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Rwaruka, namwe mwubahe uburongozi bw’ishengero. Kandi umwe wese muri mwebwe yicishe bugufi imbere ya mugenziwe kuko, “Imana igwanya abibona ariko igirira ubuntu abicisha bugufi.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Petero 5:5
27 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

None rero, Uhoraho Mana, n’uhaguruke, winjire mu buruhukiro bgawe, wewe ubgawe n’isandugu y’ inkomezi zawe. Abaherezi bawe, Uhoraho Mana, bambare agakiza, n’abakunzi bawe banezererwe ivyiza vyawe.


Ni bagutsinda hasi uzovuga, uti Har’ ikimvyutsa; Kand’ uwicisha bugufi Imana izomukiza.


Nambara ukugororoka, kukansagira, Kuroranya kwanje kwari kumbereye nk’umutamana n’ igitsibo.


Kand’ abaherezi baho nzobambika agakiza: Abakunzi banje baho bazosēsereza impundu.


Abaherezi bawe bambare ukugororoka; N’abakunzi bawe bavuze impundu.


Kuko nah’ Uhoraho ahambaye, ashira umutima ku bafafara, Arikw abībone abamenyera kure.


Ivyoba vyiza n’uko bokubarira, bat’ Igira hino imbere, Hako bagusubiza inyuma imbere y’ūganza, Uwo amaso yawe yiboneye.


N’ukuri yitamba ku muvyimba abacokoranyi, Arikw agirira ubuntu abicisha bugufi.


Kuk’ ukw ari kw Imwe iri hejuru isumba vyose igize, iba ahatazoshira, izina ryayo n’Uwera; iti Mba hejuru ahantu hēra, kandi mbana n’ūfise umutima umenetse wicisha bugufi, kugira ngo mpēmbūre imitima y’abicisha bugufi, mpēmbūre n’abafise imitima imenetse.


Nzonezererwa cane Uhoraho, umutima wanje uvugirize impundu Imana yanje; kuko yanyambitse imyambaro y’agakiza, akansēsa hejuru umutamana w’ubugororotsi, nk’uk’ umukwe ashazisha igitsibo, kandi nk’uk’ umugeni ashazisha utugenegene twiwe.


Kukw ivyo vyose intoke zanje ari zo zabiremye, bikabaho vyose, ni k’ Uhoraho agize; arik’ umuntu w’impahazwa afise umutima umenetse, agahindishwa agashitsi n’ ijambo ryanje, uwo ni we nzohozakw ijisho.


Ni ho abaganwa bose bo ku kiyaga bazokwikūra ku ntebe zabo, biyambure imvune zabo, bīkūreko n’imyambaro yabo ijererenze amabara: baje mu gatengo, bicare hasi, bahinde agashitsi badahengeshanya, bumijwe nawe.


Amaze kujana izo ngabo kw inyagano, azokwikakisha mu mutima; ariko nah’ azoba ahindikiranije ingabo ibihumbi n’ibihumbi, ntazoba anesheje rwose;


Umuntu wese muri mwebge az’ avire hasi ūmaze kuyenzura imvi, yubahe umutāma, antinye, jewe Imana yiwe: ni jewe Uhoraho.


Ariko mwebge s’uko: mugab’ umukuru muri mwebge abe nk’umuto, n’ūganza abe nk’ūbakorera.


ku vyo gukunda bene Data, mukundane rwose; ku vy’icubahiro, umuntu wese ashire imbere mugenzi we;


Ariko mwambare Umwami Yesu Kristo, kandi ntimubabare ivy’ umubiri, ngo mukore ivyo wifuza.


Ntimugire ico mukora kubgo gukēbana cank’ ukwifata uko mutari, ariko mwicishije bugufi, umuntu wese yiyumvire yuko mugenzi we amuruta,


Nuko rero, nk’uko bibereye abātoranijwe n’Imana bera bakundwa na yo, mwambare umutima w’ikigongwe, n’ineza, n’ukwicisha bugufi, n’ugutekereza, n’ukwihangana,


Ntuhambarire umutāma, arik’ umuhanūre nka so, n’abakiri bato n’imisore ubahanūre nka bene nyoko,


Mwumvire ababaganza, mubagamburukire: kukw ari bo bama bagavye bazigama imitima yanyu, nk’abazobibazwa; mugenze murtyo kugira ngo babikore banezerewe, batitsa umutima, kuko bimeze birtyo ata co vyomarira mwebge.


Arikw itanga ubuntu burushirije. Ni co gituma ivuga, it’ Imana irwanya abibona, arikw abicisha bugufi ibaha ubuntu.


Ibisigaye, mwese muhūze umutima, mubabarane, mukundane nk’abavukana, mugiriranire imbabazi, mwicishe bugufi mu mutima;


Nuko kuko Kristo yababarijwe mu mubiri, mwitwaze nk’ibirwanishwa ben’ uyo mutima: kuk’ ūbabarijwe mu mubiri aba amaze kureka icaha,


mugabo ni bo bazobazwa ivyo n’uwiteguye kuzoca imanza z’abakiriho n’abapfuye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ