9 Muhāne indāro mutidodomba.
9 Mwakirane mu rukundo ata kwidodomba.
Ahejeje kumuha, aramubgira, ati Hinge mvomere n’ingamiya zawe, zihodoke.
mugabanirize abera, uko bakennye; mushishikare gutanga indāro.
Gayo arabaganūtsa, uwansembereje, kand’ akākīra n’abo mw ishengero bose. Erasito, aganza ivy’ ikori ry’iki gisagara, na Kwaruto mwene Data, barabaganūtsa. [
Umuntu wese atange nk’ukw abigabiye mu mutima wiwe, atababaye cank’ atagōberewe, kukw Imana ikunda ūtanga anezerewe.
Mukore vyose ata kwidodomba, ata guhārīra,
Nuk’ umuzezwashengero akwiye kutabak’ umugayo, kand’ akwiye kuba umugabo afise umugore umwe gusa; abe ūtarenza urugero, adahugumba, aganza ingeso ziwe, akunda gutanga indāro, afise ubgenge bgo kwigisha,
arikw abe ūkunda gutanga indāro, akunda ivyiza, adahugumba, agororoka, yera, yirinda,
Ariko nta co ngomba gukora ntakugishije inama, kugira ngw iciza ukora ntikibe ic’ ugōberewe, arik’ ugikore ubikunze.
Kugira neza no kugira ubuntu ntimukavyibagire, kukw ibimazi bimeze birtyo ari vyo bihimbara Imana.
Ntimwibagire kugirira neza abashitsi: kuko bamwe bāgize bartyo bāhaye indāro abamarayika batabizi.
Ntimwidodomberanire, bene Data, kugira ngo ntimucirwekw iteka: eh’ Umucamanza ahagaze ku rugi.