Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Petero 4:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Kukw icatumye abapfuye na bo bābariwe ubutumwa bgiza kwar’ ukugira ngo bacirirwe imanza mu mubiri mu buryo bg’abantu, ariko babeho mu mpwemu mu buryo bg’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Ni co gituma Ubutumwa Bwiza bwabwiwe mbere n’abari barapfuye kugira ngo n’aho bamaze gucirwa urubanza mu mubiri nk’uko biba ku bantu bose, baze babeho mu mpwemu nk’uko Imana iri.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Petero 4:6
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ni ho bazobatanga ngo muzigirizwe, bazobica, kandi muzokwankwa n’amahanga yose, abahōra izina ryanje.


Kukw ikingera ca Mpwemu w’ubugingo bgo muri Kristo Yesu cancunguye ngo singanzwe n’icangera c’icaha n’ic’ urupfu.


Ivyagezwe vyanteye gupfa ku vyagezwe, ngo mbeho ku Mana.


Namba tubeshwaho na Mpwemu, tuyoborwe na Mpwemu.


Kandi bāhishurirwa yukw atari bo bavyikorera, ariko kw ari mwebge babikorera; ni vyo none mumaze kubarirwa n’abābabgiye ubutumwa bgiza, bāvugishijwe na Mpwemu Yera yatumwe ava mw ijuru: kand’ ivyo abamarayika bifuza kubirunguruka.


Kuko na Kristo yababajwe rimwe ahōrwa ivyaha, umugororotsi yababarijwe abagabitanya, kugira ngw adushikirize Imana; yishwe umubiri, ariko yahinduwe muzima mu buryo bg’impwemu:


ni bgo yagiyemwo abarira impwemu ziri mw ibohero ijambo ry’Imana,


Umumarayika wundi ava ku gicaniro, ni we aganza umuriro, asemerera n’ijwi rirenga, abarira ūfise umuhoro ukarishe, ati Rungika umuhoro wawe ukarishe, uce inzabibu zo ku muzabibu w’isi, kukw inzabibu zawo zirungurije.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ