Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Petero 4:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Kukw igihe gishitse c’uk’ urubanza rutangurira mu b’inzu y’Imana: none ko rutanguriye kuri twebge, iherezo ry’abatumvira ubutumwa bgiza bg’Imana rizomera rite?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Kuko igihe cashitse c’uko urubanza ruhera mu nzu y’Imana. Nimba urubanza ruhereye kuri twebwe, mbega ntazoba ari akaga gakomeye ku bantu banse kwumvira Ubutumwa Bwiza bw’Imana!

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Petero 4:17
26 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko jewe Umwami Imana ni namara guheraheza ivyo nzogirira umusozi Siyoni n’i Yerusalemu vyose, nzoca mpana umutima w’ubgibone w’umwami w’i Ashuri, n’ubugabo bgo mu maso hiwe arābana agakēngērwe.


ko ntanguriye ku gisagara citiriwe izina ryanje kuhazana ivyago, none mwebge mwobura guhanwa? Eka ntimuzobura guhanwa na mba: kuko nzohamagara inkota ngw ize ku baba kw isi bose, ni jewe Uhoraho Nyen’ ingabo mbivuze.


Kuk’ ukw ari k’Uhoraho agize, at’ Abāri batabereye kunywa kur’ ico gikombe ko batazobura kukinywa, none weho uzogenda udahanwe na gatoya? Eka ntuzogenda udahanwe, arik’ uzonywa nta kabuza.


mwice mutikize umutāma n’umusore n’ umwigeme n’abana bato n’ abagore: ariko ntihagire umuntu n’umwe mwēgēra mu barikw ico kimenyetso; kandi muhēre ku rusengero rwanje rwera. Baca bahēra kuri ba bakuru bār’ imbere y’ingoro.


ati Ni mwebge gusa twamenyanye mu miryango yose yo mw isi: ni co gituma nzobahanira ibigabitanyo vyanyu vyose.


Kandi nzobēgēra nce amateka; nzokwihutira kwagiriza abarozi, n’abasambanyi, n’abarahira ibinyoma, n’ abagunga umucangero ingero yiwe, n’abanyikiza umupfakazi n’impfuvyi, bakagirira nabi inyambukīra, nanje ntibanyubahe, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Ko bagirira bartyo igiti kibisi, non’ icumye kizogirirwa gite?


Paulo, umugurano wa Yesu Kristo, nahamagariwe kuba intumwa, narobanuriwe ubutumwa bgiza bg’Imana,


n’amarushwa n’ivyago ku bugingo bg’umuntu wese akora ibibi, uhereye ku Muyuda, ukageza ku Mugiriki.


Yemwe Bagalatiya b’ibijuju, ni nde yabaroze, kand’ ari mwebge mweretswe Yesu Kristo abambge, mu maso yanyu?


Ko mwagenda neza; ni nde yabateye gutenzekanya ngo ntimwumvire ukuri?


Nuko rero, iyo turonse uburyo, tugirire bose neza, cane‐cane ab’ inzu y’abizera.


hagati mu muriro waka, yishure guhōrwa abatāmenye Imana n’abatumvira ubutumwa bgiza bg’Umwami wacu Yesu.


ariko ni naba ngitevye n’ukugira ng’uz’ umenye uko bikwiye kugenzwa mu ngoro y’Imana, ni yo shengero ry’Imana nzima, vyongeye ni yo nkingi ishigikiye ukuri.


Ukwizera ni kwo kwatumye Aburahamu yumvira Imana imuhamagaye, akaja ahantu yar’ abīkiwe kuragwa: nukw agenda, atazi iy’ aja.


Kw ijambo ryavugiwe mu kanwa k’abamarayika ryagumyeho, kand’ ibicumuro vyose no kutaryumvira bikagererwa ingero bikwiranye,


Imana ifatanije na bo kugashingira intahe, iyishingisha ibimenyetso n’ibitangaza n’ibikomeye vy’uburyo bginshi n’ingabire za Mpwemu Yera zagabanganijwe nk’uko yagomvye.


Ariko Kristo ayoboka nk’Umwana, atwara urugo rwayo. Kand’ urugo rwayo ni twebge, namba tubangirije ubushizi bg’amanga n’ukwirata ivyizigiro vyacu rwose, gushitsa kw iherezo.


kand’ amaze guhīngūrwa rwose, abera abamwumvira bose inyanduruko y’agakiza kadashira:


mwubakwe nk’amabuye afise ubugingo, kugira ngo mube inzu yo mu buryo bg’impwemu, mugire ibango ry’ubuherezi ryera, ngo mutange ibimazi mu buryo bg’impwemu, bishimwa n’Imana kubga Yesu Kristo.


N’ibuye ritsitaza n’urutare rugwisha; kuko batsitara kw ijambo ry’Imana, bataryumvira: kandi ni co bāshiriweho.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ