Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Petero 4:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Ariko ni hāgira ūhōrwa kuba Umukristo, yoye kumāramāra, arikw aheshe Imana icubahiro kubg’ iryo zina.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Ariko nihagira uwubabazwa ahorwa kuba Umukristo, ntibikamutere isoni. Ahubwo ahimbaze Imana kubera iteka atewe ryo kwitirirwa iryo zina!

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Petero 4:16
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko ni muhimbarize Uhoraho i burasirazuba, muhimbarize izina ry’ Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, mu bizinga vyo mu kiyaga.


Arik’ Umwami Uhoraho arantabara, ni co gituma ntatētērwa: ni co gituma ndinduka, mu maso hanje hakamera nk’ibuye, kandi nzi yuko ntazomāramāra.


Nta co utinya, kuk’ utazotētērwa; ntumāramāre, kukw isoni zitazokwica; kuk’ uzokwibagira isoni wagize mu buto bgawe, n’umugayo wo mu bupfakazi bgawe ntuzowibuka ukundi.


amubonye, amujana muri Antiyokiya. Bamaray’ umwaka wose, bakorana n’ishengero, bigisha abantu benshi, kandi muri Antiyokiya ni ho abigishwa bātanguriye kwitwa Abakristo.


Agiripa yishura Paulo, at’ Unkwegesha ivyo bike ng’ umpindure Umukristo?


Ariko turagomba kwumva ivyo wiyumvira, kukw ico gice tuzi yuko bakivuga nabi hose.


Nuko bava mu maso y’abanyekombe, banezerejwe n’uko bemerewe gutētererezwa iryo zina.


nk’uko niteze cane nkizigira yuko hatazogira ikintu kimmāramāza, ariko ko mu bushizi bg’amanga bganje bgose Kristo aheshwe icubahiro n’umubiri wanje, nk’uko bihora biba, na none kw ari ko bizoba, naho noba ndiho canke naho noba mpfuye.


Kukw ico mwagabiwe kubga Kristo, atar’ ukumwizera gusa, ariko mwagabiwe no kubabazwa kubgiwe;


Ni co gituma kandi mbabazwa ntya, yamara ntibintera isoni, kuko nzi uwo nizeye, kandi nzi ntakekeranya yukw ashobora kuzigama ikibītsanyo namubīkije gushitsa kuri wa musi.


Si bo barogota kw izina ryiza mwitirirwa?


mugire ingeso nziza mu mahanga, kugira ngo, no ku vyo babavuga nabi nk’inkozi z’ibibi, ibikorwa vyanyu vyiza babona bize bitume bahimbaza Imana ku musi ibagendeye.


Umuntu iy’ avuze, avuge nk’ūbivugishijwe n’Imana: umuntu iy’ agabuye, agabure nk’ūfise ubushobozi Imana itanga; kugira ngw Imana iterwe icubahiro muri vyose, kubga Yesu Kristo, afise icubahiro n’ububasha ibihe bitazoshira. Amen.


Iyo mututswe muhōwe izina rya Kristo, muba muhiriwe: kuko Mpwemu w’ubgiza, ari we Mpwemu w’Imana, aba kuri mwebge.


Nuko rer’ abababazwa nk’ukw Imana igomba ni babītse ubugingo bgabo uwo Muremyi wo kwizigirwa, bakore ivyiza.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ