Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Petero 3:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 ariko kube ukw’ umuntu ahishijwe wo mu mutima, ugushaza kudashira, ni kwo mutima w’ubugwaneza utekereje, ni kwo kw’ igiciro kinini imbere y’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Ariko mwambare ubwiza buva imbere muri mwebwe, budatituka ari bwo kugira umutima mwiza kandi utuje. Ubwo ni bwo bwiza bufise igiciro kinini imbere y’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Petero 3:4
40 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

N’ukuri umutima wanje ndawuhwekereje, ndawuhojeje; Nk’uk’ umwana w’umucuko yigwandika kuri nyina, Umutima wanje wigwandika kuri jewe nk’umwana w’ umucuko.


Uhoraho aramira abaciye bugufi: Acisha abanyakibi bugufi, akabashitsa hasi.


Kuk’ Uhoraho ahimbarwa n’ abantu biwe: Azoshariza abaciye bugufi abambike agakiza.


Abīcisha bugufi azobarōngōra mu vy’ukugororoka, Abīcisha bugufi azobarangira inzira yiwe.


Umukobga w’umwami ar’ i kare afise ubgiza bginshi: Impuzu ziwe zijishishijwe inyuzi z’izahabu.


Rāba, ugomba ukuri hirya mu mutima, Mu bgigobeko bgawo uzommenyesha ubgenge.


arikw azocira aboro imanza zibereye, kand’ azoshinga urw’ abaciye bugufi bo mw isi mu kuri: azokubitisha isi inkoni ivuye mu kanwa kiwe, kand’ abanyakibi azobīcisha impwemu ziva mu minwa yiwe.


Kand’ abaciye bugufi na bo bazogwiza umunezero banezererwa Uhoraho, n’abakene bo mu bantu bazohimbarwa n’Uwera w’Abisirayeli.


Kuk’ ukw ari kw Imwe iri hejuru isumba vyose igize, iba ahatazoshira, izina ryayo n’Uwera; iti Mba hejuru ahantu hēra, kandi mbana n’ūfise umutima umenetse wicisha bugufi, kugira ngo mpēmbūre imitima y’abicisha bugufi, mpēmbūre n’abafise imitima imenetse.


Mpwemu w’Umwami Uhoraho ari kuri jewe, kuk’ Uhoraho yandobanuje amavuta ngo mbgire abaciye bugufi ubutumwa bgiza; yantumye gutubika imitima imenetse, no kumenyesha abarindwa ko barekuwe, n’imbohe ko zugururiwe;


Ivyo uwavugishwa n’Imana Yeremiya yageze Seraya mwene Neriya, Neriya wa Mahaseya, igihe yajana na Zedekiya umwami w’i Buyuda, aja i Babuloni, mu mwaka ugira kane wo kuba ku ngoma kwiwe. Kandi Seraya yar’ umukuru w’abagaranzurira umwami.


mwikoreze ingata yanje, munyigireko; kuko nd’ umugwaneza, niyoroheje mu mutima; namwe muzoronka uburuhukiro bg’imitima yanyu.


ngo Mubgire umukobga w’i Siyoni, Muti Rāba, Umwami wawe aje kuri wewe, Ar’ umutekerezi, agendera ku ndogoba, Mbere ni ku mukangara, inyana y’indogoba.


Wa Mufarisayo uhumye we, banza woze imbere mu gikombe no mu nkōko, inyuma havyo na ho habone kwera.


Hahirwa abatekereza, kukw ari bo bazoragwa isi.


Mwa bijuju mwe, iyaremye urukoba si yo yaremye n’imbere?


Arababgira, ati Mwebge mugomba kwiyerekana nk’abagororotse mu maso y’abantu, arikw Imana irazi imitima yanyu: kukw igishizwe hejuru mu bantu ar’ igisesema mu nyonga z’Imana.


icubahiro c’Imana idapfa baragikāba ngo basenge ibishushanyo bisa n’umuntu apfa, n’ivy’ ibiguruka n’ivy’ ibigenza amaguru ane n’ivy’ ibikwega inda hasi.


Arik’ Umuyuda wo mu mutima ni we Muyuda, kandi gukebga n’ukw’ umutima, n’ukwo mu buryo bg’impwemu, atar’ ukwo mu buryo bg’inyuguti: ūmeze artyo ntashimwa n’abantu, arikw ashimwa n’Imana.


Kandi tumenye iki, yuk’ umuntu wacu wa kera yabambanywe na we, kugira ng’umubiri w’icaha uhindurwe ubusa, ntitwame tujakariye icaha:


Nnezererwa ivyagezwe n’Imana mu mutima wanje,


Jewe Paulo ubganje ndabinginga kubg’ ubugwaneza n’ineza vya Kristo, jewe umuntu aciye bugufi muri mwebge imbere yanyu, arikw iyo tutari kumwe ndabubahuka;


Ni co gituma tutihebura; ariko, nah’ umuntu wacu wo ku rukoba arikw arabora, umuntu wacu w’imbere yama ahinduka musha uko bukeye.


ubugwaneza, ukwirinda: ibimeze birtyo nta vyagezwe bibibuza.


mwiyoroheje rwose, mufise ubugwaneza, mwihangana, mubabariranira muri mu rukundo,


Nuko rero, nk’uko bibereye abātoranijwe n’Imana bera bakundwa na yo, mwambare umutima w’ikigongwe, n’ineza, n’ukwicisha bugufi, n’ugutekereza, n’ukwihangana,


Kuko mwapfuye, kand’ ubugingo bganyu bukaba buhishanijwe na Kristo mu Mana.


Kandi mushishikare kwiyorosha, no gukora ivyanyu, no gukoresha amaboko yanyu, nk’uko twababariye,


Arikw abameze bartyo turabagera tubahanūra kubg’ Umwami Yesu Kristo, gukora ibikorwa batekereje, babone kurya ivyo bīronkeye ubgabo.


kandi cane‐cane abami n’abashizwe hejuru bose, kugira ngo twame mu mahoro dutekereje, twubaha Imana tur’ inyankamugayo rwose.


no guhanūrisha ubugwaneza abamuhāririza, ngo kumbure, bishobotse, Imana ibahe kwihana ngo bamenye ivy’ ukuri,


no kutagira uwo bambika ibara, no kutitoraguza, no kwengenga, berekana ubugwaneza bgose ku bantu bose.


Nuko rero, mwiyambure imyanda yose n’ububi busigaye, mwākīrane ubugwaneza ijambo ritewe muri mwebge, rishobora gukiza ubugingo bganyu.


Kuko mwavyawe ubga kabiri, mutavyawe n’imbuto ibora, ariko mwavyawe n’imbuto itabora, mubiheshejwe n’ijambo ry’Imana ririho rigahoraho.


ariko mwubahe Kristo mu mitima yanyu kw ari we Mwami, muhore mwiteguye kwishura umuntu wese ababajije inyanduruko y’ivyizigiro biri muri mwebge, ariko muri n’ubugwaneza, mutinya,


Arik’ Uhoraho abarira Samweli, ati Nta co urāba ishusho yiwe, cank’ ikirēho ciwe, kuko ntāmushimye; erega jewe sindāba nk’ukw abantu barāba: kukw abantu barāba ku rukoba gusa, ariko jewe Uhoraho ndāba mu mutima.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ