Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Petero 3:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Ugushaza kwanyu ntikube ukwo ku rukoba kwo gutsiba umushatsi, cank’ ukwo kwambara izahabu cank’ ukwo kwambara impuzu nziza;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Ntimwiteho cane ubwiza bw’inyuma ku mubiri buhagaze ku buryo kanaka bugezweho bwo gusokoza umushatsi, kwambara ibintu vyo kubashariza bikozwe mu nzahabu, canke impuzu z’igiciro kinini.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Petero 3:3
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nukw izo ngamiya zimaze guhodoka, uwo mugabo yābīra impeta y’izahabu, kuriba kwayo kwar’ igihimba ca shekeli, n’ivyo kumwambika ku maboko bibiri vy’ izahabu, kuriba kwavyo kwari shekeli cumi;


Nca ndamubaza, nt’ Uri mwene nde? ati Ndi mwene Betuweli, uwo Nahori yavyaranye na Miluka. Nca ndamwambika impeta ku zuru, n’ ivyambarwa ku maboko.


Uwo muntu asokorora utugenegene tw’ifeza n’utw’ izahabu, n’impuzu, abiha Rebeka: kand’ aha na musaza we na nyina ibintu vy’igiciro.


Maze Yehu ashitse i Yezireli, Yezebeli arabibarirwa; aca yīraba amarangi mu maso, asokoza umushatsi, araheza arungurukira mw idirisha.


Bukeye ku musi ugira gatatu, Esiteri yambara imyambaro yiwe y’ubgamikazi, aragenda ahagarara mu karusha ko ku ngoro y’umwami, aharābana n’iyo ngoro nyene; kand’ umwami yar’ avyagiye ku ntebe yiwe y’ubgami mu ngoro, atumberanye no mw irebe.


Mu ncoreke zawe z’icubahiro harimw’ abakobga b’abami: I buryo bgawe hahagaze umwamikazi yambaye izahabu yavuye muri Ofiru.


arik’ umugore wese azosaba umubanyi wiwe, mber’ azosaba n’umugore yashembereje, utugenegene tw’ifeza n’ utw’ izahabu, bo n’imyambaro: kandi muzovyambika abahungu banyu n’abakobga banyu; uko ni ko muzonyaga Abanyegiputa.


Aroni arabishura, ati Ni mukātūre impeta z’izahabu, ziri ku matwi y’abagore banyu no ku y’abahungu n’abakobga banyu, muzinzanire.


Abantu bumvise iyo nkuru mbi bagira umubabaro, ntihaba hakigira umuntu yambara utugenegene twiwe two gushaza.


Haza abemeye gutanga bose bivuye ku mutima, abagabo n’abagore, bazana impeta zo mu mazuru n’izo mu matwi, n’izo bādomesha ibimenyetso, n’inyerere, vyose ar’ utugenegene dukozwe mw izahabu; umuntu wese yar’ afise icitwa izahabu yakizana kugishikanira Uhoraho.


Maz’ acura ikigārigāri mu miringa, co gukaraba, acura n’ intebe yaco mu miringa nyene, abicuze mu vyīrore vy’imiringa vy’abagore bākoranira ku muryango w’ihema ry’ibonaniro gukora ibikorwa.


Ikangure, ikangure, wambare inkomezi zawe, ewe Siyoni; ambara imyambaro yawe ishajije, ewe Yerusalemu wa murwa wera; kuk’ uhereye none muri wewe hatazoshika ūtākebge cank’ igihumane.


Nzonezererwa cane Uhoraho, umutima wanje uvugirize impundu Imana yanje; kuko yanyambitse imyambaro y’agakiza, akansēsa hejuru umutamana w’ubugororotsi, nk’uk’ umukwe ashazisha igitsibo, kandi nk’uk’ umugeni ashazisha utugenegene twiwe.


Mbeg’ umwigeme yoshobora kwibagira utugenegene twiwe? Cank’ umugeni yokwibagira umwitwikiro wiwe? Arikw abantu banje bānyibagiye imisi myinshi itoharūrwa.


None weho, ni wanyagwa, uzogira ute? Naho wokwambara impuzu zisa n’agahama, ukīsakara utugenegene tw’izahabu, ukīraba amarangi mu maso, uzoba washarije ubusa: abūzure bawe baragukēngēra, barondera ingene bokwica.


Ubabgire, ut’ Ikigeretseko, mwatumye ku bagabo ba kure; na bo batumwekw intumwa baraza; muriyuhagira ngo mubarābikire, mwiraba amarangi mu maso, mwisakara utugenegene twanyu,


Ntimushushanywe n’ivy’ iki gihe, yamara muhinduke rwose, mugize imitima misha, kugira ngo mumenye neza ivy’ Imana igomba, ni vyo vyiza bishimwa, bitunganye rwose.


ni bābona ingeso zanyu zitunganye zifatanije n’ugutinya.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ