Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Petero 3:20 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 ni zo z’abatumviye Imana kera, hamwe ukwihangana kwayo kwari kukirorereye mu misi ya Nowa, bga bgato bukibāzwa; muri bgo hārokokeye abantu bakeya, bashika umunani, bākirijwe mu mazi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 z’abantu banse kwumvira Ubutumwa Bwiza, igihe Imana yari icihanganiye abantu, aho Nowa yubaka ubwato. Abantu umunani gusa bari muri bwo ni bo barokotse bakira umwuzure.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Petero 3:20
28 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Imana ibarira Nowa, iti Ndamaramaje guherengeteza abari n’ umubiri bose, kukw isi yuzuye umuryano kubgabo; nuko nzobarandurana n’isi.


Uhoraho aravuga, ati Mpwemu wanje ntazokwama aranyinyūrana n’umuntu ibihe vyose, kukw ar’ uw’ inyama gusa: nuko rer’ imisi yiwe izoba imyaka ijana na mirongwibiri.


Nuk’ Uhoraho abona ibibi vy’abantu ingen’ ari vyinshi mw isi, kandi kw ivyiyumviro vy’imitima yabo vyamogoreye gukora ibibi gusa na ntaryo.


Kur’ uwo musi nyene Nowa yinjira mur’ubgo bgato, bo na Shemu na Hamu na Yafeti abana biwe, n’umugore wiwe, n’abakazana biwe ukw ari batatu;


Imana yibuka Nowa n’ibifise ubugingo vyose, n’ibitungano vyose vyari kumwe na we mu bgato: Imana ihūhīsha umuyaga kw isi, amazi atangura kugabanuka.


Nuko Nowa arasohoka, bo n’ abana biwe n’umugore wiwe n’ abakazana biwe,


Ni kubg’ ivyo Uhoraho ashamaje kugira ngw abagirire ubuntu, kandi ni kubg’ ivyo azohaguruka kugira ngw abagirire ikigongwe, kuk’ Uhoraho ar’ Imana ica izibereye; hahirwa abashamaje bamwiteze bose.


Arikw irembo ripfunganye, n’inzira ntoya, ni vyo bija mu bugingo, kand’ abahabona ni bake.


Yemwe mwa busho buto, ntimutinye: kuko So bimuhimbara kubaha ubgami.


Nukw abemeye amajambo yiwe barabatizwa: abongewe kur’ uwo musi ku bāri basanzweho bāri nk’ibihumbi bitatu.


Mbega har’ ico biriko, nah’ Imana yagomvye kwerekana uburake bgayo, no kumenyesha ubushobozi bgayo, namba yihangananiye imbabazi nyinshi inzavya z’ukuraka, ziteguriwe guhona;


Ukwizera ni kwo kwatumye Nowa yubaha, amaze kubūrirwa n’Imana ibitaribgaboneke, akabāza ubgato bgo kurokora abo mu nzu yiwe, kandi ni kwo kwamuhaye gutsindisha abari mw isi, no kuragwa ukugororoka kuzanwa n’ukwizera.


Nuko rero, ko mwejesheje imitima kwumvira ukuri, kugira ngo mukunde bene Data bitar’ uruheyiheyi, mukovye mu gukundana bivuye mu mitima.


mugahabga ikizanwa n’ukwizera kwanyu, ni co gakiza k’ubugingo bganyu.


Kuko mwari muzimiye nk’intama, ariko noneho mugarutse ku Mwungere w’ubugingo bganyu, ari we nyene abujējwe.


ni bgo yagiyemwo abarira impwemu ziri mw ibohero ijambo ry’Imana,


Nuko rer’ abababazwa nk’ukw Imana igomba ni babītse ubugingo bgabo uwo Muremyi wo kwizigirwa, bakore ivyiza.


kandi kw itāgiriye ikigongwe isi ya kera, arikw igakiza Nowa, umwigisha w’ivyo kugororoka, hamwe n’abandi ndwi, aho yazana umwuzure kw isi y’abatayubaha;


Mwiyumvire yuko kwihangana kw’Umwami wacu ar’ agakiza: nk’uko mwene Data akundwa Paulo yabandikiye, uk’ ubgenge yahawe bungana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ