Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Petero 3:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Ivyoba vyiza n’uko mwobabazwa muhōwe gukora ivyiza, ari co Imana igomvye, hako muhōrwa gukora ibibi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Mwibuke ko ari vyiza kubabazwa uhorwa gukora ivyiza nimba ari vyo Imana ishaka kurusha kubabazwa uhorwa gukora ibibi!

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Petero 3:17
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yunguruza imbere gatoya, arubama, arasenga, ati Data, asangwa vyoshoboka, iki gikombe ni kindēngāne: ariko ntibibe uko jewe ngomba, yamara bibe uko wewe ugomba.


Yongera kugenda ubga kabiri, arasenga, ati Data, asangwa bidashoboka yukw iki kindēngāna, shiti nkinywereyeko, ni bibe nk’uk’ ugomba.


Arikw asezerana na bo, ati Nzogaruka ikindi gihe, Imana ni yabigomba. Avuduka muri Efeso ari mu bgato.


Yanse kubicungūrako, turīhorera, tut’ Ivyo Umwami agomba ni bibeho!


Ivyo murabinezererwa cane, nah’ ubu ar’ igihe gito mubabazwa n’ibibagerageza vyinshi, kuko bitobura kuza:


Kukw ivy’ Imana igomba ar’ uk’ ugukora neza kwanyu kuba agahomerabunwa ku bantu b’imburabgenge batagira ico bazi:


Mwokwihanganira gukubitwa ibipfunsi muhōwe icaha, mwokwihaya iki? Ariko mwokwihanganira kubabazwa muhōwe gukora neza, ivyo ni vyo bishimwa ku Mana.


Yamara naho mwobabazwa muhōwe ukugororoka, mwoba muhiriwe. Ntimuze mutinye ivyo babakangisha, ntimuhagarike imitima,


Ntihakagire umuntu wo muri mwebge ahōrwa kuba umwicanyi canke kuba igisuma canke kuba inkozi y’ikibi canke kwita mu vyo atagezwemwo.


Nuko rer’ abababazwa nk’ukw Imana igomba ni babītse ubugingo bgabo uwo Muremyi wo kwizigirwa, bakore ivyiza.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ