Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Petero 3:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 ariko mwubahe Kristo mu mitima yanyu kw ari we Mwami, muhore mwiteguye kwishura umuntu wese ababajije inyanduruko y’ivyizigiro biri muri mwebge, ariko muri n’ubugwaneza, mutinya,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Ahubwo mu mitima yanyu mwubahe Kristo nk’Umwami. Kandi igihe cose mwame mwiteguye kwishurana ubugwaneza no kwubaha umuntu wese ababajije ivyerekeye ivyizigiro vyanyu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Petero 3:15
34 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nzovugira imbere y’abami ivyo wihanikirije, Simmāramāre.


Umutima w’umugororotsi witondera ivyo wishura, Arikw akanwa k’abanyakibi gasuka ibibi.


Nkakumenyesha neza amajambo y’ukuri, Kugira ng’usubirane inyuma amajambo y’ukuri ku bāgutumye?


Enda ni muze, twītātūre, ni k’Uhoraho agize; nah’ ivyaha vyanyu vyotukura tukutuku, bizokwera derere nka shelegi; naho vyotukura nk’agahama, bizohinduka nk’ubgoya bg’intama y’umwero.


Arik’ ubgiwe n’abana biwe ni babona ivyo amaboko yanje akorera hagati muri bo, bazokwemera izina ryanje ko ryera; mbere bazokwemera Uwera wa Yakobo ko nera, bahindire agashitsi jewe Imana y’ Abisirayeli.


Ni muzane imibūrano yanyu, ni k’Uhoraho agize; muserure inyanduruko zanyu zikomeye, ni k’Umwami wa Yakobo agize.


arik’ Uhoraho Nyen’ ingabo azoba ashizwe hejuru n’imanza ziroranye, kand’ Imana Yera izokwerekanisha ukwera kwayo ubugororotsi.


ati Ntimwite imihigo vya bindi vyose ubgo bgoko bgita imihigo; ntimukagire ubgoba nk’ubgabo, kandi ntimukaranduke imitima.


Uhoraho abarira Mose na Aroni, ati Ko mutanyizeye, ngo mwerekane ukwera kwanje imbere y’Abisirayeli, ntimugishikanye iri koraniro mu gihugu nemeye ko nzobaha.


kuko mwanse kwumvira ijambo ryanje muri mu bugaragwa bg’i Zini, hamwe ishengero ryitonganya, namwe ntimwerekanire ukwera kwanje imbere yabo kuri ya mazi. (Ayo ni ya mazi y’i Meriba h’i Kadeshi, mu bugaragwa bg’i Zini.)


Paulo aramwishura, ati Nd’ Umuyuda, umuntu w’i Taruso, igisagara c’i Kilikiya kitayoberanye: none ndakwinginze unkundire ico mbarira abantu.


Akirikw aravuga ivy’ ukugororoka n’ivy’ ukwirinda n’ivy’ amateka azocibga, Feliki aranduka umutima, aramubarira, at’ Ubu ni wīgīre, ni naronka uburyo bgiza nzogutumako.


asangwa muhora mwizeye, mushinzwe neza mutanyiganyiga, mudatirimuka mu vyizigiro biheshwa n’ubutumwa mwumvise, bgavuzwe mu bāremwe bose bo musi y’ijuru, ubgo jewe Paulo nacikiye umukozi wabgo.


abo Imana yakunze kumenyesha itunga ry’ubgiza bg’iri banga, rivugwa mu banyamahanga, ni ryo Kristo ari muri mwebge, ivyizigiro vyo kuzoronka ubgiza.


kubg’ ivyizigirwa mwabīkiwe mw ijuru, ivyo mwumvise kera, mw ijambo ry’ukuri kw’ ubutumwa bgiza,


Imvugo zanyu zamane ubuntu bg’Imana, zirunzwe umunyu, kugira ngo mumenye ingene mukwiye kwishura umuntu wese.


nkora nizigiye kuzoronka ubugingo budashira, ubgo Imana itazi kubesha yasezeranye kera, ibihe vyose bitarabaho.


Ariko Kristo ayoboka nk’Umwana, atwara urugo rwayo. Kand’ urugo rwayo ni twebge, namba tubangirije ubushizi bg’amanga n’ukwirata ivyizigiro vyacu rwose, gushitsa kw iherezo.


Nuko rero turēngāne ivya mbere vya Kristo, twīgire imbere, dushike ku vyo gutunganywa rwose, twoye gusubira gushirah’ itanguriro ryo kwihana ibikorwa vy’impfagusa, no kwizera Imana,


Kandi kw Iyo mwambaza muyita So ari yo icira umuntu wese urubanza rukwiranye n’ivyo yakoze itarobanuye ku cubahiro, mumare igihe co kuba inyambukīra mutinya.


ni bābona ingeso zanyu zitunganye zifatanije n’ugutinya.


ariko kube ukw’ umuntu ahishijwe wo mu mutima, ugushaza kudashira, ni kwo mutima w’ubugwaneza utekereje, ni kwo kw’ igiciro kinini imbere y’Imana.


Nuko none ni muhagarare, mbāgiririze imbere y’ Uhoraho, mbereke n’ivyo yabagiriye vyose mu bugororotsi, mwe na ba sogokuruza.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ