Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Petero 3:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Kukw inyonga z’Uhoraho ziri ku bagororotsi, N’amatwi yiwe ari ku vyo basenga, Arikw igitsure c’Uhoraho kiri ku bakora ibibi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Kuko inyonga z’Uhoraho ziri ku bagororotsi kandi amatwi yiwe ayabangira ugusenga kwabo. Ariko igitsure ciwe kiri ku bakora ibibi.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Petero 3:12
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kand’ inyonga z’Uhoraho zinyuranganya mw isi yose hirya no hino, kugira ngo yerekane ububasha bgiwe bgo gutabara abafise imitima imutunganiye. Mu vyo wakoze ivyo, wakoze ivy’ ubupfu; nuk’ uhereye ubu uzohora ubona intambara.


Uhereye ubu, nzokwama ntereza inyonga zanje ndābe, ntege amatwi yanje numve amasengesho asengerwa aha hantu.


Uhoraho ari mu rusengero rwiwe rwera, Uhoraho, intebe yiwe iri mw ijuru. Acacisha inyonga ziwe abana b’abantu, mu kigohe ciwe harabasuzuma.


Eh’ ijisho ry’Uhoraho riri ku bamwubaha, Riri ku bīteze imbabazi ziwe:


Wewe wumva ivyo usabga, Abafise umubiri bose bazoza kuri wewe.


Uwo muzabibu waraturiwe, waratemwe; Bahonejwe n’igitsure co mu nyonga hawe.


Uhoraho aba kure y’abanyakibi, Ariko yumva ugusenga kw’ abagororotsi.


Inyonga z’Uhoraho zir’ ahantu hose, Zītegereza ababi n’abeza.


Ikimazi abanyakibi batanga n’ igisesema k’Uhoraho, Arikw ahimbarwa n’ugusenga kw’abagororotsi.


Kuko ntungiriye igitsure iki gisagara ngo nkizanekw amagorwa, sinkizanekw amahirwe, ni jewe Uhoraho mbivuze; kizotangwa mu kuboko kw’umwami w’i Babuloni, kand’ azogitongoza umuriro.


ati Mujane, umuzigame neza, ntugire ico umugira; kand’ ukw azogomba abe ari k’uzomugirira.


Kandi nzobatungīra igitsure; bazova mu muriro basubire mu wundi ubatongore; kandi namwe muzomenya yuko jewe nd’ Uhoraho, abo ni nabatungīra igitsure.


Kand’ umuntu wese wo mu nzu ya Isirayeli, canke wo mu banyamahanga baba muri bo, azokwigera ageza ubuseri mu kanwa, nzohoza igitsūre canje kur’ uwo muntu yariye ubuseri, ndamurandure mu bgoko bgabo.


Nanje nzohoza igitsūre kur’ uwo muntu, ndamurandure mu bgoko bgabo, ndamuhōye gushikanira Moleki uwo mu bana biwe, akanduza Ahēra hanje, agatukisha izina ryanje ryera.


Umuntu yirukira abahamagara imizimu n’abamenyi, akaja kubaraguza, akabahurumbira nk’ ikimaka; nzohoza igitsūre canje kuri we, ndamurandure mu bgoko bgabo.


Kandi nzohoza igitsūre canje kuri mwebge, muzoneshwa n’abansi banyu: ababanka ni bo bazobaganza; kandi muzohunga ata kibirukanye.


Mbega har’ uwogaya ibikir’ umugero ku musi w’intangamarāra? Bazonezerwa babonye karisho mu ntoke za Zerubabeli. Ya yandi ndwi ni zo nyonga z’Uhoraho, zinyuranganya mw isi yose hirya no hino.


Turazi kw Imana itumviriza abanyavyaha, arik’ ūyubaha, agakora ivyo igomba, uwo ni we yumviriza.


n’igihugu Uhoraho Imana yanyu yāmizak’ umutima, kand’ agihozakw ijisho, uhereye ku ntango y’umwaka ugashitsa kw iherezo ryawo.


Mwaturanire ivyaha vyanyu, musengeranire, kugira ngo mukire indwara. Ugusaba kw’umugororotsi kugira ikimazi kuri vyinshi mu gikorwa cakwo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ