Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Petero 2:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Nuko mumwēgēre, ari we buye rifise ubugingo, ryagawe n’abantu, ariko ku Mana ryaratoranijwe, riri n’igiciro,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Nimwegere Umwami, ni we buye rifise ubugingo ryagawe n’abantu ariko ryatoranijwe n’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Petero 2:4
31 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

ni co gitumye Umwami Uhoraho avuga, ati Rāba, ndashira i Siyoni ibuye ryo kuba itanguriro, ibuye ryagejejwe, ari ryo ryo kugumya imfuruka, riri n’igiciro, rishikamye cane; kand’ uwizera ntazohutagiza.


Nguyu umushumba wanje, uwo nama nshigikiye, uwo natoranije, ahimbara umutima wanje: nashize Mpwemu wanje kuri we; azoshikana amateka mu banyamahanga.


Mutege amatwi, muze kuri jewe; munyumve, ni ho ubugingo bganyu buzobaho; nanje nzosezerana namwe isezerano ritazoshira, ni ryo mbabazi Dawidi yasezeraniwe zitazovaho.


Garuka, mwa bantu basubiye inyuma, nzoharira ugusubira inyuma kwanyu. Ehe tukugarutseko, kukw ari wewe Uhoraho Imana yacu.


Nawe uravyitegereza, ushitsa ah’ ibuye ryaziye, ridasituwe n’amaboko, ryikubita ku birenge vy’ivyuma n’ibumba vy’ico gishushanyo, rirabimenagura.


Uko wabonye ibuye ryasituwe ku musozi ata maboko arisituye, rikamenagura ivyuma n’imiringa n’ibumba n’ifeza n’izahabu, nuko mugenzi, Imana ihambaye yakumenyesheje ibizoba mu gihe kizoza; kand’ izo nzozi n’iz’ ukuri, insobanuro yazo ntizohinduka.


Ehe rāba ibuye nshize imbere ya Yosuwa: kur’ iryo buye rimwe harikw amaso ndwi; ehe nzoricakw amagarwe, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize; kand’ ukugabitanya kw’ico gihugu nzogukūrah’ umusi umwe.


Wa musozi munini we, ur’ iki? Uzocikira ikiyaya imbere ya Zerubabeli; azozana ibuye ryo gusōzēra kwubaka, basēsereza impundu, bat’ Ubuntu, ubuntu bube kuri ryo!


Ni muze kuri jewe mwese abananiwe n’abaremerewe, ndabaruhura;


ngo Nguyu umushumba wanje natoranije, Nkunda, ahimbara umutima wanje; Nzoshira Mpwemu wanje kuri we, Azomenyesha abanyamahanga amateka azocibga.


Yesu arababaza, ati Nta ho murasoma mu vyanditswe, ngw Ibuye abubatsi bāgaye Ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka: Ivyo vyavuye k’Uhoraho, Kandi n’igitangaza mu maso yacu?


Hasigaye igihe gito, ab’ isi ntibabe bakimbona, ariko mweho muzombona; kuko ndiho, namwe muzobaho.


Yesu aramubgira, ati Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugingo: nta wushika kuri Data ntamujanye.


Nk’uko Se ari n’ubugingo muri we, ni ko yahaye Umwana kugira ubugingo muri we na we.


ariko mukanka kuza kuri jewe ngo muronke ubugingo.


Ico Data ampa cose kiranshikīra, kand’ uwoza kuri jewe sinomuhinda na gatoya.


Nk’uko Data w’ubugingo yantumye, nanje ndiho kubga Data, ni k’ūndya na we azobaho kubganje.


Ko twujujwe n’Imana n’urupfu rw’Umwana wayo, tukir’ abansi bayo, none tumaze kwuzura na yo, ubugingo bgiwe buzorushiriza kudukiza.


Kukw irindi tanguriro ata muntu ashobora kurishiraho, atar’ iryashizweho, ni ryo Yesu Kristo.


Kristo, ni we bugingo bgacu, ni yerekanwa, namwe muzoca mwerekananwa na we muri mu bgiza.


ariko mwacungujwe amaraso y’igiciro kinini, nk’ay’ umwagazi w’intama utagira agasembga cank’ ibara, ni yo ya Kristo.


kugira ngo kuramura kw’ukwizera kwanyu (kand’ ukwo kwizera kurusha igiciro izahabu ishira, nah’ ivugutirwa mu muriro ikaramura) kuze kuboneke kuri n’ishimwe n’ubgiza n’icubahiro mu guhishurwa kwa Yesu Kristo.


Nuko mwebge abizera ni mwebge mwagerewe ico giciro, ariko ku banka kwizera, ngw Ibuye abubatsi bāgaye, Ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka,


Simoni Petero, umugurano wa Yesu Kristo kand’ intumwa yiwe, ndabandikiye mwebge abāhawe ukwizera kw’akaburarugero kungana n’ukwacu, muguheshejwe n’ukugororoka kwa Yesu Kristo, ni we Mana yacu n’Umukiza.


Ivyo vyatumye aduha ivyo yasezeranye vy’akaburarugero, bihambaye cane, kugira ngo bibatere gusangira n’Imana akameremere kayo, mumaze gucika muva mw iborero ryazanywe mw isi no kwifuza.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ