Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Petero 2:25 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Kuko mwari muzimiye nk’intama, ariko noneho mugarutse ku Mwungere w’ubugingo bganyu, ari we nyene abujējwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

25 Kera mwari mumeze nk’intama zazimiye ariko ubu mwaragarutse ku mwungere w’ubugingo bwanyu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Petero 2:25
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Narahuvye nk’intama izimiye: rondera umusavyi wawe, Kuko ntibagira amabgirizwa yawe.


Ewe Mwungere w’Abisirayeli, tega ugutwi, Ni wewe urōngōra aba Yosefu nk’umukuku; Ewe uvyagira ku Bakerubi, kayangana.


Maz’ umuntu wese azosubira mu b’i wabo, yiruka nk’ingeregere ihīgwa, canke nk’intama itagira ūyiragiye, umuntu wese ahungire mu gihugu c’i wabo.


Azoragira umukuku wiwe nk’umwungere, azoterura imyagazi mu maboko, ayitware mu gikiriza, kand’ izonsa azoziyobora buhoro‐buhoro.


Yamara yacumitiwe ivyacu bicumuro, yajanjaguriwe ivyacu bigabitanyo: igihano kituronkesha amahoro cabaye kuri we, kand’ imishishagu yiwe ni yo idukiza.


Twese twazimiye nk’intama, twese twagiye isābagire, umuntu wese mu nzira yiwe; Uhoraho amuremēka ukugabitanya kwacu twese.


None rero, uku ni k’Uhoraho agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ku vyo ageneye abungere baragira abantu biwe: ati Mwashwiragije umukuku wanje, murawirukana, ntimwawurāba; nuko rero nanje nzobāzira, mbazanekw ivyago bihwanye n’ ukugira nabi kwanyu, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Intama zanje zayerereye ku misozi yose, no ku gasozi kose karekare; mber’ intama zanje zāsābagiriye mw isi yose; kandi nta warushe azirondera canke ngw azibariritse.


Kand’ umusavyi wanje Dawidi azoba umwami wabo, bose bazogira umwungere umwe; kandi bazogendera mu vyagezwe vyanje, bitondere amabgirizwa yanje, bayashitse.


Ikangure, wa nkota we, urwanye umwungere wanje, urwanye umuntu mugenzanje, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize; kubita umwungere, intama zisanzare; kandi n’imyagazi nzoyihindurirak’ ukuboko kwanje.


Mugira ngw iki? Umuntu afise intama ijana, imwe yozimira, ntiyosiga zimwe mirongwicenda n’icenda, akagenda mu misozi kurondera iyazimiye?


Abonye ishengero, rimutera akagongwe, kuko bāri bagowe, basābagiye nk’intama zitagira umwungere.


Mwirinde ubganyu, muzigame n’ubusho bgose Mpwemu Yera yabashizemwo, ngo mube abo kubuzēzwa, kugira ngo muragire ishengero ry’Imana, iryo yaguze amaraso yayo.


Imana Nyen’ amahoro, imwe yakūra Umwami wacu Yesu mu bapfuye, ari we Mwungere mukuru w’intama, imukūjey’ amaraso y’isezerano ry’ibihe bidashira,


Nuko rero, bene Data bera, abasangiye ihamagarwa riva mw ijuru, ni mwitegereze Yesu, intumwa n’umuherezi mukuru w’ivyo twizeye tukavyatura,


kand’ ashobora kwihanganira inyoberwa n’abazimiye, kuko na we nyene har’ ah’ agira intege nke.


ni zo z’abatumviye Imana kera, hamwe ukwihangana kwayo kwari kukirorereye mu misi ya Nowa, bga bgato bukibāzwa; muri bgo hārokokeye abantu bakeya, bashika umunani, bākirijwe mu mazi.


Nuk’ Umwungere mukuru ni yerekanwa, muzokwambikwa mu mitwe igitsibo c’ubgiza kitazoshira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ