Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Petero 2:23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 yaratutswe, ntiyabasubiza; yarababajwe, ntiyabahigira; ariko yiha Īdaca urwa nkunzi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

23 Abamututse ntiyabihora, canke ngo ahige kwihora abamuteje imibabaro. Ivyo yabirekeye Imana yoyo ica imanza ziroranye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Petero 2:23
32 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Icompa bikaba kure yawe, gukora ikintu nk’ico, kwicana abagororotsi n’abanyavyaha, abagororotsi n’abanyavyaha bakaringanira: icompa bikaba kure yawe! Non’ Umucamanza w’isi yose ntiyokora ibigororotse?


Warabibonye, kuk’ urāba ukugira nabi n’inzigo, kugira ng’ ubishire mu kuboko kwawe; Umurushwa yegamira wewe wenyene; Ni wewe mutabazi w’impfuvyi.


Mu kuboko kwawe ni ho nshize ubugingo bganje; Warancunguye Uhoraho, we Mana y’ukuri.


Ukorere Uhoraho urugendo rwawe rwose, Abe ari we wishimira, na we azobishitsa.


Imana n’umucamanza agororoka, Mbere n’Imana ishavura imisi yose.


Imbere y’Uhoraho, kukw agira aze, Agira aze gucira abari mw isi imanza, Azocira abari mw isi imanza zibereye, N’amahanga nk’ukw ar’ umwizigirwa.


Yaracuranguzwa, yamar’ akarendeka, ntiyakūrak’ umunwa; nk’ umwagazi w’intama ujanwa mw ibāgiro, canke nk’ukw intama itekerereza imbere y’abayikemura, ni kw atākūyek’ umunwa.


Tweho turishuye, kuko tugiriwe ibihwanye n’ivyo twākoze: arik’ uyu nta kibi yakoze.


Yesu amaze gusemerera n’ijwi rirenga, aravuga, ati Data, mu maboko yawe ni ho nshize ubugingo bganje. Ahejeje kuvuga artyo aracīkāna.


Amubaza amajambo menshi, ntiyamwishura na rimwe.


kuko yashinze umusi wo gucirakw isi yose amateka y’ukuri, izoyacisha umuntu yatoranije, kandi yahaye bose ikimenyamenya c’ivyo, mu kumuzura imukūye mu bapfuye.


Kandi none, Mwami, rāba agahahirizo kabo, uhe abasavyi bawe kuvuga ijambo ryawe bashize amanga rwose:


Maze bakiriko baratera Stefano amabuye, arambaza, aravuga, ati Mwami Yesu, akīra ubugingo bganje.


Ariko Sauli, akigenda afuhagira, afitiye abigishwa b’Umwami imihigo n’ubgicanyi, aja ku muherezi mukuru,


Ariko kuk’ ufise umutima ukomantaye utihana, wirindiriza uburake buzoba ku musi wo kuraka, ah’ amateka abereye y’Imana azohishurirwa,


Namwe ba shebuja, mubagirire murtyo nyene, mwirinde kubakangisha, kuko muzi yuko Shobuja musangiye ari mw ijuru, kandi ntarobanura abantu ku butoni.


Ico n’ikimenyetso co guca amateka kw’ Imana kugororotse, ngo muze mwemererwe gushika mu bgami bg’Imana, ubgo namwe mubabarizwa.


Ni co gituma kandi mbabazwa ntya, yamara ntibintera isoni, kuko nzi uwo nizeye, kandi nzi ntakekeranya yukw ashobora kuzigama ikibītsanyo namubīkije gushitsa kuri wa musi.


Ibisigaye, mbīkiwe igitsibo c’ukugororoka, ico Umwami wacu, umucamanza agororotse, azompa kuri wa musi, kandi si jewe jenyene nzogihabga, ariko kandi n’abakunze kuzoseruka kwiwe bose bazogihabga.


Nuko mushire imitima kur’ uyo yihanganiye ibihāri bihambaye birtyo abanyavyaha bāmuhāririje, ntimucobogore, ntimudendebukirwe mu mitima yanyu.


ntimugere ikibi ku kindi, cank’ igitutsi ku kindi; ariko mubigerāne n’umuhezagiro, kukw ico ari co mwahamagariwe, kugira ngo namwe muragwe umugisha.


Nuko rer’ abababazwa nk’ukw Imana igomba ni babītse ubugingo bgabo uwo Muremyi wo kwizigirwa, bakore ivyiza.


Mbona ijuru ryuguruye, kandi mbona ifarasi y’igitare, ūyivyagiyeko yitwa Mwizigirwa, irindi ni Munyakuri. Aca amateka akarwana intambara mu bugororotsi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ