Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Petero 2:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 mumere nk’inzoya zivutse vuba, mwifuze amata y’umutima adafunguye, kugira ngw abakuze abashitse ku gakiza;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Mumere nk’abana bato b’inzoya, mwipfuze kandi murondere kunywa amata y’impwemu atavanze, kugira ngo abakuze mu gakiza,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Petero 2:2
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Non’ inzu yanje si kw imeze ku Mana? Kuko yasezeranye nanje isezerano ritazovaho, Ritunganye muri vyose, kandi rikomeye; Non’ agakiza kanje kose n’ ivyo nifuza vyose Ntizotuma bimera bikaba ibironge?


Arik’ umugororotsi azokomerera mu nzira yiwe, N’ūfise amaboko yiziguye azokwama yunguka inkomezi.


Arikw inzira y’abagororotsi imeze nk’umuco wo mu gatondotondo, Ugenda urushiriza gukayangana gushitsa hakeye rwose.


Isirayeli nzomubera nk’ ikime, na we azoshurika nk’ikirungu, ashōre imizi nk’ibiti vy’i Lebanoni.


Ababa mu gitūtu ciwe bazogaruka; bazobaduka nk’ingano, bashurike nk’umuzabibu: ugutāmirana kwabo kuzomera nka vino y’i Lebanoni.


Enda tumenye Uhoraho, tugire umwete wo kumumenya; nk’uk’ umutwenzi ata cowubuza kuza, ni ko na we azoza: azotuzako nk’imvura, nk’ imvura y’umutasuro inyosheje hasi.


Ariko mweho abubaha izina ryanje izuba ry’ubugororotsi rizobarasira, rifise ugukiza mu mababa yaryo. Maze muzosohoka mukina amatavu nk’inyana zivuye mu ruhongore.


arababgira, ati Ndababgire ukuri: Ni mutirimbura ngo mucike nk’abana bato, ntimuzoruha mwinjira mu bgami bgo mw ijuru.


Yesu arababgira, ati Ni mureke abana bato, ntimubabuze kuza aho ndi, kuk’ ubgami bgo mw ijuru ar’ ubg’ abameze bartyo.


Ndababgire ukuri, ūtazokwākīra ubgami bg’Imana nk’umwana muto, ntazobginjiramwo na gatoya.


Ndababgire ukuri: Ūtazokwākīra ubgami bg’Imana nk’umwana muto ntazobginjiramwo na gatoya.


None rero kubatizwa kwatumye duhambanwa na we tuba mu rupfu rwiwe, kugira ngo, nk’uko Kristo yazuwe mu bapfuye n’ubgiza bga Data wa twese, abe ari ko natwe tugendana ubugingo busha.


Bene Data, ntimube abana mu bgenge, ariko mube ibitazi mu bibi; ariko mu bgenge mube abagabo.


Muri we ingoro yose, yubatswe neza, irakura, ngw ibe urusengero rwera mu Mwami wacu.


Ariko tube imvugakuri turi mu rukundo, dukurire muri we muri vyose, ari we mutwe, ni wo Kristo;


Biradukwiye kwama tubashimira Imana, bene Data, nk’uko bikwiye, kuk’ ukwizera kwanyu gukura cane, n’urukundo rw’ umuntu wese muri mwebge mukundana rugwira.


Kuko mwavyawe ubga kabiri, mutavyawe n’imbuto ibora, ariko mwavyawe n’imbuto itabora, mubiheshejwe n’ijambo ry’Imana ririho rigahoraho.


Ariko mukurire mu buntu bga Yesu Kristo Umwami wacu n’Umukiza, no mu kumumenya. Icubahiro kibe iciwe ubu no gushitsa umusi utagira iherezo. Amen.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ