Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Petero 2:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 ngo mube nk’abidegemvya, arikw atar’ ukugira umwidegemvyo wanyu igitwikirizo c’inzigo, ariko mube nk’abagurano b’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Mubeho mu mwidegemvyo, ariko uwo mwidegemvyo wanyu ntube uwo guhisha ububi; ahubwo mubeho nk’abeguriwe Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Petero 2:16
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Muzobona ibara, mwebge abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo, mwa ndyarya mwe, kuko mwugarirana ubgami bgo mw ijuru imbere y’abantu: kandi ntimubginjiramw’ ubganyu, n’abagomba kubginjiramwo ntimubakundira. [


Iyo ntaba naraje ngo ngire ico mbabarira, nta caha baba bafise, ariko none ntibari n’ico bireguza icaha cabo.


kandi mwacunguwe ngo ntimuganzwe n’icaha, mujakarira ukugororoka.


Ariko noneho, ko mwacunguwe ngo ntimuganzwe n’icaha, mukajakarira Imana, mufise imbuto zanyu zizana ukwezwa, kand’ amaherezo n’ubugingo budashira.


Uwahamagawe n’Umwami wacu ar’ umugurano, aba acitse uwidegemvya acunguwe n’Umwami. Ni ko, uwahamagawe n’Umwami ar’ uwidegemvya, aba acitse umugurano wa Kristo.


Kristo yatugobotoye ngo tube mu mwidegemvyo: nuko muhagarare mushikamye, ntimukongere kuzīngīrwa n’ugutwazwa ituntu n’ubuja.


Bene Data, mwahamagariwe umwidegemvyo; mugabo rero, uwo mwidegemvyo ntimuwugire urwitwazo rw’akameremere kanyu, arik’ urukundo rubatere gukorerana.


Ntimubakorere bakibahagarikiye, nk’abanezereza abantu, ariko mubakorere nk’abagurano ba Kristo, mukora ivy’ Imana igomba bivuye ku mutima.


muzi yuko muzohabga impēra na Shobuja mukuru, ni yo wa mwandu. Shobuja uwo Kristo ni we mukorera.


Kukw ata na rimwe twigeze kuvuga ijambo dushashe akarimi, murabizi, cank’ ijambo ryo guhisha ukwifuza, Imana ni yo cabona c’ivyo.


Ariko, uwitegereza ivyagezwe bitunganye rwose, ari vyo vy’umwidegemvyo, akabishishikara, atar’ uwumva akavyibagira, arikw ar’ ūbikora, ni we azohabga umugisha mu vy’ akora.


Muvuge kandi mukore nk’abagira bacirwe urubanza n’ivyagezwe bizana umwidegemvyo.


Babasezeranira umwidegemvyo, arik’ ubgabo n’abagurano b’ibiboza: kukw icānesheje umuntu kiba kimuhinduye umugurano waco.


Kuko hariho bamwe bābājemwo binyegeteza, bandikiwe kera gucirwakw iryo teka, batubaha Imana, bahindura ubuntu bg’Imana yacu isoni nke, bakīhakana Yesu Kristo, ni we wenyene Databuja n’Umwami wacu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ