Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Petero 1:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Nuko rero mukenyere mu mitima yanyu, mwirinde ibiboreza, mwizigire rwose ubuntu muzozanirwa mu kuzohishurwa kwa Yesu Kristo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Nuko rero mwame mugavye kandi mwirinde. Ivyizigiro vyanyu vyose mubishire ku buntu muzohabwa igihe Yesu Kristo azohishurirwa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Petero 1:13
35 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ukuboko kw’Uhoraho kuja kuri Eliya; arakenyera, yiruka imbere ya Ahabu barinda bashika kw irembo ry’i Yezireli nyene.


Elisa abarira Gehazi, ati Kenyera, wābīre inkoni yanje, ugende; ni hagira uwo muhūra, ntimuramukanye; n’ūgomba ko muramukanya, ntumwishure: uheze urambike iyo nkoni ku maso y’umuvyimba w’uwo mwana.


Enda kenyera magabo! Kuko ngira nkubaze, nawe uheze unyishure.


at’ Enda kenyera magabo! Ngira nkubaze, nawe uheze unyishure.


Uku abe ari ko muzozirya: muze muzirye mukenyeye, mwambaye inkweto, mufashe inkoni mu minwe; muze muzirye vuba na vuba: iyo ni yo Pasika yanje, jewe Uhoraho.


Ubugororotsi buzomubera umukanda mu rukenyerero, mber’ ukwizigirwa kuzomubera umukanda mu mafyinga.


None rero wewe va hasi ukenyere, ubabgire ivyo nkubarira vyose: ntuhindishwe agashitsi na bo, kugira ngo noye kuzoguhindishiriza agashitsi imbere yabo.


Na bo arababgira, ati Namwe ni mugende mu ruzabibu, ndabagerera ivyo mukwiranye. Baragenda.


Mwame mukenyeye, kand’ amatara yanyu yame yaka:


Ni ko bizoba, umusi Umwana w’umuntu azoserukirako.


Ariko ntiyomubarira, at’ Arura ivyo kurya vyanje, ukenyere, ungaburire, gushitsa aho mpereza kurya no kunywa, nawe hanyuma ubone kurya no kunywa?


Tugendane ingeso nziza, nk’abagenda ku murango, tutadandahirwa, tutaborerwa, tudasambana, tudakora ivy’ isoni nke, tudatongana, tutagira ishari.


Kukw ivyaremwe vyiteze uguhishurwa kw’abana b’Imana biguhahamiye cane.


Bituma mutagira ingabire n’imwe muhaza, mwiteze guhishurwa kw’ Umwami wacu Yesu Kristo.


None rero hagumyeh’ ukwizera, n’ivyizigiro, n’urukundo, ivyo ukw ari bitatu: arikw ikibiruta n’urukundo.


Nuko rero mushikame, mukenyeje ukuri, mwambaye ukugororoka nk’icuma gikīngīra igikiriza,


Kristo, ni we bugingo bgacu, ni yerekanwa, namwe muzoca mwerekananwa na we muri mu bgiza.


no kwishura mwebge abayaterwa kuruhukana natwe, ah’ Umwami Yesu azohishurirwa, ava mw ijuru, azananye n’abamarayika b’ubushobozi bgiwe,


Ariko weho, wirinde muri vyose, wihanganire imibabaro, ukore igikorwa c’umuvuzi w’ubutumwa bgiza, ushitse igikorwa c’ibango ryawe.


Ibisigaye, mbīkiwe igitsibo c’ukugororoka, ico Umwami wacu, umucamanza agororotse, azompa kuri wa musi, kandi si jewe jenyene nzogihabga, ariko kandi n’abakunze kuzoseruka kwiwe bose bazogihabga.


Nuko ntimute ubushizi bg’ubgoba bganyu, buri n’impēra ikomeye.


Ariko Kristo ayoboka nk’Umwana, atwara urugo rwayo. Kand’ urugo rwayo ni twebge, namba tubangirije ubushizi bg’amanga n’ukwirata ivyizigiro vyacu rwose, gushitsa kw iherezo.


Ivyo vyizigiro tubifise nk’ikizirika umutima kigumye, gikomeye, cinjira hirya y’igihūzu gikīngiriye ahēra cane,


na Kristo n’uko, yamaze gutangwa rimwe ngo yishirekw ivyaha vya benshi, azoboneka ubga kabiri, atazanywe n’ivyaha, abonekere gukiza abamwiteze.


Ivy’ ako gakiza, abāvugishwa n’Imana, ari bo bāvuze ubuntu mwāgira muze muhabge, bārabirondera, bārabisesa,


ariko mwubahe Kristo mu mitima yanyu kw ari we Mwami, muhore mwiteguye kwishura umuntu wese ababajije inyanduruko y’ivyizigiro biri muri mwebge, ariko muri n’ubugwaneza, mutinya,


Arik’ umuhero wa vyose uri hafi: nuko ntimuhugumbe, mwirinde, kugira ngo mubone uko mushishikara gusenga.


Mbandikiye icete c’amajambo make, canditswe na Siluwano, mwene Data w’umwizigirwa uko niyumvira; mbahanūra nshinga intahe yuk’ ubgo ari bgo buntu bg’Imana bg’ukuri: mubuhagararemwo mushikamye.


Mwirinde ibiboreza, mwame mugavye: umurezi wanyu, ari we wa Murwanizi, agendagenda nk’intambge yivuga, arondera uwo arotsa.


Kand’ umuntu wese amuzigakw ivyo, ariyeza, nk’uk’ uwo ar’ uwera.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ