Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 9:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Kuko handitswe mu vyagezwe vya Mose, ngo Ntimuze murumye umunwa w’inka irikw irasekura ingano. Mbeg’ inka ni zo Imana ibabaye?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Muri ivyo vyagezwe haranditse ngo: “Ntimukazibire umunwa w’inka iriko irasekura ingano.” Mbega mwibaza ko ngaha Imana yariko ivuga indogoba gusa?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 9:9
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ivyo vyose biguhanga amaso, Kugira ng’ ubigaburire ivyo kurya vyavyo igihe kigeze.


Umuntu agororotse ababara igitungwa ciwe, Arik’ umutima w’abanyakibi n’inkazi.


Mbeg’ impeke z’umutsima mu gusekura barazimenagura? Ereg’ umuntu ntiyokwama arazihūra: mbere naho yozitembagazako ikurudumu y’umukogote wiwe n’amafarasi yiwe, yirinda kutazimenagura.


none jewe sinari nkwiye kugirira ikibabarwe Ninewe, ico gisagara kinini, kirimw’ abantu ibihumbi ijana na mirongwibiri basāga, batazi gutandukanya ukuryo n’ukumoso; hakabamwo n’ibitunzwe vyinshi?


Ariko ntivyandikiwe we wenyene yuko vyamuharūweko nk’ukugororoka,


Ntimuze murumye umunwa w’inka irikw irasekura ingano.


arik’ umusi ugira indwi ni wo sabato yanje, jewe Uhoraho Imana yawe. Ntukagire igikorwa na kimwe ukora kuri wo, wewe ubgawe, cank’ umuhungu wawe, cank’ umukobga wawe, cank’ umugurano wawe, cank’ umuguranokazi wawe, cank’ inka yawe, cank’ indogoba yawe, cank’ ibitungano vyawe ivy’ ari vyo vyose, cank’ uw’ inyambukīra aba i wawe; kugira ng’ umugurano wawe n’umuguranokazi wawe babone kuruhūka nkawe.


Kukw icanditswe kivuga, ngo Ntimuze murumye umunwa w’inka irikw irasekura ingano; kandi ng’ Umukozi akwiye ingero yiwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ