4 mbega ntitwemererwa kurya no kunywa?
4 Mbega sinemerewe guhabwa ivyokurya n’ivyo kunywa?
Izuba ni ryamara kurenga azoba ahumanutse; ni h’azobona kurya ku vyejejwe, kukw ivyo ari vyo vyar’ indya ziwe.
cank’ isaho y’impamba, kandi ntimujane amapfundo abiri, cank’ inkweto cank’ inkoni, kuk’ umukozi akwiye impembo yiwe.
Kand’ iyo nzu nyene muze muyigumemwo, murya munywa ivyo babahaye; kuk’ umukozi akwiye ingero yiwe. Ntimugende murarāraguza.
Nta co nifuje, ar’ ifeza ar’ izahabu ar’ ivyambarwa vy’umuntu n’umwe.
Ibi ni vyo nireguza ku bampinyura:
Arik’ uwigishwa ijambo ry’Imana ahe umwigisha mu vyiza vyose.
Kandi ntitwarondera icubahiro co ku bantu, ari kuri mwebge canke ku bandi: naho tuba twarashoboye kubaremēra, kuko tur’ intumwa za Kristo.
Bene Data, muribuka ubutame bgacu n’ubucumukure; twābabgira ubutumwa bgiza bg’Imana twikenurira umurango n’ijoro, kugira ngo ntihagire uwo muri mwebge turemēra.