Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 8:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Mwiyubare, kugira ng’ ubgo bushobozi bganyu bgoye kuba igitsitaza c’abadakomeye na gato.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Ariko mube maso kugira ngo umwidegemvyo wanyu ntube igitsitaza ku banyantegenke.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 8:9
27 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mukomeze amaboko areganutse, mugumishe amavi aregarega.


Kand’ azovuga, ati Ni muharure, ni muharure, mutunganye inzira, mukūre ibitsitaza mu nzira y’abantu banje.


riti Mwana w’umuntu, abo bantu bakimagije ibigirwamana vyabo mu mitima, kandi bashize imbere yabo igitsitaza kibatsinda mu bigabitanyo vyabo: none noshobora nte kw abo bogira ico bansiguza na kimwe?


Ko bābakoreye bar’ imbere y’ibigirwamana vyabo, bakabera ab’ inzu ya Isirayeli igitsitaza co kubacumuza, ni co catumye mmanika ukuboko mbarahira yuko bazogibgako n’ibigabitanyo vyabo, ni k’Umwami Uhoraho agize.


Ntihaze hagire ūvuma igipfamatwi, canke ngo hagire ūshira imbere y’impumyi ikintu comutsitaza: ariko mugende mutinya jewe Imana yanyu: ni jewe Uhoraho.


Mwirinde ntimukēngēre n’umwe mur’ aba bana bato: ndababgira yuko mw ijuru abamarayika babo bama barāba mu nyonga ha Data wo mw ijuru. [


Twebge abakomeye dukwiye kwihanganira intege nke z’abadakomeye, no kutinezereza.


Ntihagire umuntu ababara ivyiwe, arikw ababare ivya mugenzi we.


Ariko ni hagira umuntu ababgira, at’ Ico n’icāterekerejwe: ntimukakirye, kubg’ uyo abiseruye, no kubg’ ijwi ryo mu mutima.


Arik’ umutima mvuze s’uwawe, n’uwa wa wundi. N’iki gituma ukwidegemvya kwanje guhinyurwa n’umutima w’uwundi?


Ntimubere Abayuda igitsitaza, cank’ Abagiriki, cank’ ishengero ry’Imana:


Kuk’ umuntu iy’ akubonye, wewe wahawe gutahura, wicaye urīra mu rusengero rw’ikigirwamana, umutima w’uwo, iy’ adakomeye, mbega ntuzorinduka, akarya ivyaterekerejwe ibigirwamana?


Nukw iyo mukoreye icaha bene Data murtyo, mugakomeretsa imitima yabo idakomeye, muba mukoreye icaha Kristo.


Ku badakomeye nabaye nk’ūdakomeye, kugira ngo ndonke abadakomeye. Kuri bose nabaye vyose kugira ngo nkirishe bamwe‐bamwe uburyo bgose.


Mbivuganye isoni: bisa n’aho tweho twabagizemw’ intege nke. Arikw ikintu cose gitera umuntu gushira amanga (mbivugishijwe n’ubupfu) nanje kirabintera.


Ni nde adakomera, nanje simbe ūdakomeye? Ni nde agira ikimugwisha, nanje isoni ntizinyice?


Kandi ntitugira ico tuzana gitsitaza mu kintu na kimwe, kugira ngo kugabura ivy’ Imana kwacu ntikugawe.


Bene Data, mwahamagariwe umwidegemvyo; mugabo rero, uwo mwidegemvyo ntimuwugire urwitwazo rw’akameremere kanyu, arik’ urukundo rubatere gukorerana.


Mwirinde, ntihakagire ūbagira inyagano, abanyagishije ubgenge bg’abantu ar’ ibihendo vy’ubusa, bikurikira akaronda k’imigenzo y’abantu, bikurikira ivya mbere vyo mw isi, bidakurikira Kristo.


ngo mube nk’abidegemvya, arikw atar’ ukugira umwidegemvyo wanyu igitwikirizo c’inzigo, ariko mube nk’abagurano b’Imana.


Babasezeranira umwidegemvyo, arik’ ubgabo n’abagurano b’ibiboza: kukw icānesheje umuntu kiba kimuhinduye umugurano waco.


Ariko mfise i vyo nkugayako bike, kukw i wanyu uhafise abakomeza inyigisho za Balamu, yigishije Balaki gushira igitsitaza imbere y’Abisirayeli, kugira ngo barye ivyaterekerejwe ibigirwamana, bashakane.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ