3 Arik’ ūkunda Imana ni we amenywa na yo.
3 Ariko uwukunda Imana we na yo iramuzi.
Kandi Salomo yakunda Uhoraho, akagendera mu mabgirizwa ya se Dawidi, mugabo yatangira ibimazi ku mpinga z’ imisozi, akahosereza imibavu.
Kuk’ Uhoraho azi inzira y’ abagororotsi, Arikw inzira y’abanyavyaha ijana mu mahonero.
Wagerageje umutima wanje, wangendeye mw ijoro; Waransuzumye, ntiwambonamw’ imigabo mibi; Akanwa kanje ntigacumura.
Maze Mose abgira Uhoraho, ati Rāba, wambariye ngo Dūgana abo bantu, ariko ntiwammenyesha uwo udutumanye. Yamara waravuze, uti Ndakuzi izina, kandi wagiriwe ubuntu imbere yanje.
Uhoraho yishura Mose, ati N’ico uvuze na co ndagikora, kuko nakugiriye ubuntu, nkakumenya izina.
riti Ntarakubumbira mu nda nari ndakuzi, kand’ utarava muri yo nari narakurobanuye; nagushizeho kuba ūvugishwa nanje mu mahanga.
ati Ni mwebge gusa twamenyanye mu miryango yose yo mw isi: ni co gituma nzobahanira ibigabitanyo vyanyu vyose.
Uhoraho ni mwiza, n’ubuhungiro bgo ku musi w’amagorwa; kand’ arazi abamwizigira.
Ni ho nzobajinjiburira, nti Nta ho nigeze mbamenya; mviraho, mwa bakora ibizira mwe.
Ni jewe mwungere mwiza, ndazi izanje, n’izanje ziranzi,
Amubaza ubugira gatatu, ati Simoni, mwene Yohana, mbeg’ urannogera? Petero arababara, kuko yamubajije ubugira gatatu ngo Mbeg’ urannogera? Aramwishura, ati Mugenzi, weho urazi vyose, urazi ko nkunogera. Yesu aramubgira, at’ Ahura intama zanje.
Imana ntiyataye abantu bayo yamenye kera. Canke ntimuzi ukw ivyanditswe bivuga kuri Eliya? Ko yareze Abisirayeli ku Mana,
Kuk’ ubu turābira mu cirore ivyijiji, arikw ico gihe tuzorāba nk’abarābana imbonankubone. Ubu nzi agace, arikw ico gihe nzomenya rwose nk’uko namenywe rwose.
Ariko nk’uko handitswe, ngw Ivy’ ijisho ritigeze kubona, n’ivy’ ugutwi kutigeze kwumva, Ibitigeze kwinjira mu mutima w’umuntu, Vyose Imana yavyiteguriye abayikunda.
ariko none, ko mwamenye Imana, cane‐cane ko mwamenywe na yo, n’iki catumye musubira inyuma mugahindukirira ivya mbere vya goyi‐goyi, bitagira ikimazi, mukagomba kubijakarira ukundi gusha?
Arikw itanguriro ry’Imana ryo kwubakako rirakomeye, ryanditswekw iki kimenyetso, ng’ Uhoraho arazi abiwe; kandi ng’ Umuntu wese avuga izina ry’Uhoraho ave mu kugabitanya.
Hahirwa umuntu yihanganira ibimugerageza, kuko ni yamara kurama azohabga igitsibo c’ubugingo, ico Imana yasezeraniye abayikunda.
Ni mwumve, bene Data nkunda. Mbeg’ Imana ntiyatoranirije aboro b’ivy’ isi kuba abatunzi mu kwizera, no kuragwa ubgami yasezeraniye abayikunda?
Uwo muramukunda naho mutigeze kumubona; kandi n’ubu, naho mutaramubona, muramwizera, bibatera kunezerwa akanyamuneza k’ubgiza katovugwa,
Twebge tugira urukundo, kukw ari yo yabanje kudukunda.
Abo nkunda, dukundane: kuk’ urukundo ruva ku Mana. Umuntu wese akundana yavyawe n’Imana, kand’ azi Imana.
ngo Ndazi ah’ uba, kw ari ho umurwa wa Satani uri; kandi wumiye kw izina ryanje, ntiwihakanye kunyizera no mu misi ya Antipa, icabona canje, n’umugororotsi wanje, yiciwe i wanyu, aho Satani aba.
ngo Ndazi ibikorwa vyawe, n’urukundo rwawe, n’ukwizera kwawe, n’ingen’ ushitsa ibango ryawe, n’ukwihangana kwawe, kandi kw ibikorwa vyawe vyo hanyuma biruta ivya mbere kuba vyinshi.
ngo Ndazi amarushwa yawe n’ubgoro bgawe (yamar’ ur’ umutunzi), n’ibitutsi vy’abiyita Abayuda, atari bo, arikw ar’ isinagogi ya Satani.