6 Ariko mvuze ivyo ar’ ukwemerana, s’ivyagezwe mbagerera.
6 Ibi ndabibabwiye nk’impanuro si itegeko ndabahaye.
Abamaze kurongorana, ndabagera, ariko si jewe, n’Umwami wacu, umugore yoye kuvana n’umugabo wiwe;
Arikw abandi ni jewe mbabgira, s’Umwami wacu. Mwene Data asanzwe afise umugore atizera, kand’ uwo mugore agakunda kubana na we, yoye kumuta.
Ku vy’ inkumi, simfise icagezwe n’Umwami wacu; ariko ndababgira ivyo niyumvira, nk’umuntu yagiriwe ikigongwe n’Umwami, ngo mbe umwizigirwa.
Arikw iy’ agumye ukw ari, ni ho arushiriza guhirwa, uko niyumvira kubganje: kandi ngira ngo nanje mfise Mpwemu w’Imana.
Ivyo mvuga simbivuga nk’ijambo ry’Umwami wacu, ariko ndabivuga nk’ūvugishwa n’ubupfu, nizigiye yuko mfise inyanduruko yo kwirata.
Simbivugiye kubagera, ariko mbivugiye kugeza urukundo rwanyu kw ar’urw’ ukuri, ndarugeragereshe umwete w’abandi.